Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sat-B mw’ihiganwa "Kora Awards"asaba guhundwa amajwi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-B mw’ihiganwa "Kora Awards"asaba guhundwa amajwi

Sat-B mw’ihiganwa "Kora Awards"asaba guhundwa amajwi

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Mw’ihiganwa rya Kora Awards ririko rihuza abaririmvyi bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, Uburundi bwaserukiwe bn’umuririmvyi Sat-b. Iryo higanwa yarihuriyemwo n’ibindi bihangange vy’abaririmvyi bo mu karere.

Ihiganwa Kora Awards rimaze iminsi ritanguye ririko rihuza abaririmvyi bo mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko. Aha twovuga nk’umuririmvyi Diamond Platnumz wo muri Tanzaniya, Teddy Afro ava mu gihugu ca Ethiopiya azwi cane mu ruririmbo "Lambadina, Wahu Kagwi wo muri Kenya azwi mu ruririmbo "Still A Liar", Ester Aweke na Yegna Taitu bo muri ethiyopiya, Gloria Muliro na Christopher Muneza wo muri Rwanda.

Sat-B rero asaba incuti, abagenzi biwe eka n’abansi kwifuka mu maso bamuhe amajwi kuko n’iteka ku Burundi kuko ibendera ry’igihugu rizoduzwa niyo mwamutora agatsinda ihiganwa "Kora Awards". Uwipfuza gutora yoja k’umurongo wa Kora Awards uri kuri Facebook, uca ufyonda"J’aime", hanyuma mu kibanza ca "Commentaire"uca wandika ijambo "Sat-B". Aho uzoba umuhaye ijwi.

Mwomenyako Sat-B aherutse kugirana amasezerano y’imyaka 3 n’inzu ihinyanyura indirimbo "Africa Sounds Records". Muri ayo masezerano yogukorana ari kumwe n’abandi baririmvyi nka, Happy Famba, Emery Sun, Kiki Toure, Franck Duniano n’umurwi wa Lion Story.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.