Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sat B ntatomora ivyo yari amaze iminsi akora mu mahanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat B ntatomora ivyo yari amaze iminsi akora mu mahanga

Sat B ntatomora ivyo yari amaze iminsi akora mu mahanga

lundi 15 Kigarama 2014

Inyuma y’iminsi itari mike Sat B ari mu gihugu ca Kenya yatahutse mu Burundi, yitavye n’ibiteramo. Uwo muririmvyi ntatomora neza ibikorwa yari amazemwo hanze y’igihugu.

SatB yavuye mu Burundi aja mu gihugu ca Kenya atumweko na Kidum aho yashaka ko bakorana indirimbo yongere amenyane n’abandi baririmvyi bo mu karere. Mu gihe yaraye atahutse mu Burundi, nta bintu bifadika yavuze yoba yarakoreye aho mu gihugu ca Kenya. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bamutegereye ku kibuga c’indege, Sat B avuga gusa ko anezerewe cane n’uko ashitse mu gihugu c’amavukiro. Ikindi yamenyesheje n’uko abaririmvyi bo muri Kenya bahabwa icubahiro, ibidakorwa mu Burundi.

Turiko turamurondera atubwire ido n’ido y’ivyo yakoze muri Kenya mu kiringo kingana hafi amezi abiri ariko ngendanwa yiwe irazimije.

Ico mwomenya n’uko uwo muririmvyi yitavye ibiteramo biriko bitegurwa na Ikoh ultiservice ku magenekerezo ya 19 kuri Club du Lac na 20 kuri Alpha CD Technology. Biravygwa kandi ko Sat B asigaye afitaniye amasazerano yo gukorana Ikoh Multiservice kuko ari nayo yamufashije gushika muri Kenya, ntawuramenya icoba camutumye ahagarika amasezerano na African Sound Records kuko arabihakana.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.