Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat b yavuze izina ry’ururirimbo rwa mbere rw’umwaka w’i 2015
Sat b yavuze izina ry’ururirimbo rwa mbere rw’umwaka w’i 2015
mercredi 7 Nzero 2015
Sat b yaraye arakora ururirimbo rwa mbere rw’umwaka w’i 2015, yagiriyeko anatanga n’izina ryarwo. Yemeza ko ibikorwa biri imbere yiwe ari vyinshi none agira yiruke n’imyaka.

Nk’uko tubisoma k’umurongo wiwe wa facebook, hari isaha umunani z’ijoro n’iminota mirongo itatu n’itanu (02h35) aho Sat b yariko yandika amajambo y’ururirimbo rwa mbere rw’umwaka w’i 2015. Ati:"Ndazi kuryamye ariko niwa vyuka nzoba ndyamye." Ururirimbo ruzosohoka ruri mu mudiho wa "afrobeat" yarwise "Kantangaze".
Sat B yandika kandi avuga ati:" Hahaha.....baramvuga bakantyoza, ego n’umwanya wanyu. Uwanje urahari ngira ntimuyobewe ko ndi umukozi.... twende na myakaa".
Mwomenya ko Sat B yarangije umwaka w’i 2014 k’ururirimbo yakoranye n’umurwi wa Urban Boyz wo mu Rwanda aho baca bakorana n’igiteramo aha i Bujumbura.
Umviriza ururirimbo "Urankirigita"
Cherif Nkeshimana
Messages
31 Rusama 2015, 08:11, par rukundo jean marie
tera imbere sha sat b turinyuma yawe abafanze bawe big up$
16 Ntwarante 2016, 18:33, par baraka
sat_b ndamwemera cane kandi indirimbo aririmba ziraryohera cane hari ururimbo aheruka gusohora rwitwa nyampinga rwarambereye cane ndagomba kubona video
24 Rusama 2018, 20:34, par hasabamutima fringance
sat b ndamukund cyan nakomerez ah.