Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Scarlett Johansson, umukinyi w’amareresi mwiza wa mbere mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Scarlett Johansson, umukinyi w’amareresi mwiza wa mbere mu mwaka (...)

Scarlett Johansson, umukinyi w’amareresi mwiza wa mbere mu mwaka w’2013

mercredi 9 Gitugutu 2013

Umukinyi w’amareresi Scarlett Johansson niwe yatowe nk’umukinyi w’amareresi w’igitsinagore mwiza gusumba abandi kw’isi muri uyu mwaka w’2013. Aho akaba ari ku rutonde rukorwa n’ikinyamakuru c’abanyamerika Esquire Magazine. Urwo rutonde rukorwa uko umwaka utashe.

JPEG - 48.4 ko
Scarlett Johansson

Umukinyi w’amareresi w’umunyamerika Scarlett Johansson niwe yatowe nk’umukinyi w’amareresi w’igitsinagore mwiza kw’isi uyu mwaka w’2013. Ivyo akaba ari ku rutonde rukorwa uko umwaka utashe n’ikinyamakuru c’abanyamerika Esquire Magazine. Scarlett aje gusubirira Mila Kunis yari mu kibanza ca mbere mu mwaka w’2012.

Ku myaka 28 y’amavuko afise, uwo mukinyi w’amareresi w’umunyamerika akaba abaye uwa mbere ashoboye gufata ico kibanza incuro 2. Scarlett Johansson yariyarigeze kuba umukinyi w’amareresi w’igitsinagore mwiza mu mwaka w’2006. Ubu Scarlett akaba aba mu gisagara ca Paris umurwa mukuru w’igihugu c’Ubufaransa. Yimirije kugirana ubugeni n’umufaransa yitwa Romain Dauriac. Uwo mukinyi w’amareresi w’umunyamerika akazoba agize ubugeni bwiwe bwa kabiri inyuma yo kwahukana na Ryan Reynolds mu 2010.


INGABIRE Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.