Accueil > Kwidagadura > Amareresi > “Scofield” yemeje ko ari umu “gay”
“Scofield” yemeje ko ari umu “gay”
jeudi 22 Myandagaro 2013
Wentworth Miller azwi cane kw’izina rya Scofield yanse kwitaba ubutumire bw’isabukuru y’amareresi y’i Saint- Pétersbourg mu Burusiya. Ivyo kubera yemeje ko ari mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye bamwe bita aba “gay”. Akaba yanse kurera iyo mpengamiro yiwe idahabwa ni rwere, ivyo bikaba muri ico gihugu c’Uburusiya.
- Wentworth Miller
Isabukuru y’amareresi y’i Saint- Pétersbourg mu Burusiya yarahaye ubutumire Wentworth Miller azwi kw’izina rya Michaeal Scofield mw’ireresi izwi cane “Prison Break”. Ariko uyu mu kinyi w’amareresi akaba yanse kwitaba ubwo butumire. Imvo y’ukwo guhakana akaba ari uko hari itegeko riheruka gutorwa mu Burusiya ribuza kandi ritegura n’ibihano ku bantu berekana, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, impengamiro z’abahuza ibitsina babisangiye.
- Wentworth Miller
“Ndabashimiye kuri ubwo butumire. Narakunze Uburusiya nabonye igihe nabugendera, kandi ndabufisemwo n’amamuko, nari kuryoherwa n’ukuza. Ariko kubera ndi umwe mubafise impengamiro yo guhuza ibitsina n’ababisangiye nsinzitaba ubutumire”, ukwo akaba ariko yanditse uyo mukinyi Wentworth Miller. Miller akaba yongeyeko ndetse ati: “Ndababazwa cane n’ukuntu abagabo n’abagore bafise iyo mpengamiro yo guhuza ibitsina babisangiye bafatwa. Uko vyifashe n’ibintu atawobisabirako kuri ubwo rero nanje sinogenda ndabizi, ngo ngire iminsi mikuru mu gihugu abantu nkanje bankirwa kubaho mu mwidegemvyo w’uko bari”.
Mwomenya ko haheze imyaka igihuha cuko Wentworth Miller ari umu “gay” kivugwa, ariko ntiyari bwigere abivuga ku mugaragaro, ngo afate ijambo yemeze iyo nkuru ko ari yo.
INGABIRE Luc-Noël