Accueil > Inkino > Amahiganwa > Sebastian Coe yatowe ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora (...)
Sebastian Coe yatowe ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi
mercredi 19 Myandagaro 2015
Umwongereza Sebastian Coe niwe yatowe mu gatondo ko kuwa gatatu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2015,ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi.
Ibikorwa vyo gutora umuyobozi mushasha w’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi,vyabereye mu gisagara ca Pekin mu gihugu c’Ubushinwa.Sebastian Coe aje gusubirira Lamin Diak w’imyaka 82 y’amavuko.
Mu bikorwa bimurindiriye,harimwo gukurikiranira hafi ibijanye n’ibivugwa ku banonotsi batari bake,ko boba bakoresha imiti canke ibindi binyobwa bibaha inguvu mu gihe c’amahiganwa.
Ibirori vyo gushikiriza ku mugaragaro Sebastian Coe bizoba mu gihe c’amahiganwa mpuzamakungu azobera mu gisagara ca Pekin kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kurya 30 Myandagaro 2015.
Uwundi yahiganwa na Sebastian Coe ni umunya Ukraine Serguei Bubka.
Van Naris Mugisha