Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ségolène Royal yahoze ari umugore wa François Hollande yashizwe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ségolène Royal yahoze ari umugore wa François Hollande yashizwe muri (...)

Ségolène Royal yahoze ari umugore wa François Hollande yashizwe muri Reta

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Uwahoze ari umugore w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Ségolène Royal yashizwe muri Reta nshasha y’Ubufaransa irongowe n’umushikiranganji wa mbere mushasha Manuel Valls.
Ségolène Royal yahawe kurongora ubushikiranganji bw’ibidukikije, iterambere n’amasoko ntanganguvu muri Reta nshasha.

Iyo Reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 17 yagiye ahabona ku munsi w’ejo, ikaba ibonekamwo kandi Laurent Fabius yagumijwe mu burongozi bw’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu. Muri iyo Reta, François Rebsamen yahawe ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta, asubirira Michel Sapin yagenwe kuba umushikiranganji w’ikigega ca Reta.
Inama nshikiranganji ya mbere y’iyo Reta nshasha y’Ubufaransa itegekanijwe ku munsi w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 4 Ndamukiza, igihe c’isaha zine z’umurango, ku masaha yo mu gihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 132.7 ko
Ségolène Royal yahoze ari umugore w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande yashizwe muri Reta nshasha y’Ubufaransa

Tubibutse ko Ségolène Royal ahawe ayo mabanga y’ubushikiranganji bw’ibidukikije, iterambere n’amasoko ntanganguvu muri Reta nshasha, inyuma y’aho mu matora yo mu mwaka w’2007 atsindiwe na Nicolas Sarkozy, mu matora y’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 88.1 ko
Ségolène Royal na François Hollande bavyaranye abana bane, imbere y’uko batandukana

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.