Accueil > Amakuru > Amashuri > Sendika SEEPEBU na SIPESBU nazo zagabishije uguhagarika akazi
Sendika SEEPEBU na SIPESBU nazo zagabishije uguhagarika akazi
jeudi 23 Nzero 2014
Amasendika abiri SEEPEBU na SIPESBU ahurikiyemwo abigisha bo mu mashure mato mato yifadikanije n’amasendika ahurikiyemwo abigisha bo mashure yisumbuye, mu kumenyesha ko nayo agiye guhagarika akazi Reta nitatorera inyishu ikibazo c’ubusumbane bw’imishahahara.
Ayo masendika abiri SEEPEBU na SIPESBU ashikirije ukwo kugabisha guhagarika akazi, inyuma y’aho CONAPES, SLEB, STEB na SYNAPEP bashikirije ko guhera ku munsi wa mbere bazohagarika akazi iminsi itatu, kandi baze bama babigira ukwo nyene ukwo ukwezi gutashe. Ayo masendika yose amenyesha ko intumbero ari ukugondoza Reta kugira ikemure ikibazo abigisha bama bashikirije c’ugukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara.
Mw’itangazo ayo masendika abiri SEEPEBU na SIPESBU yasohoye, umukuru wa sendika SEEPEBU Déogratias NAHAYO n’umukuru wa sendika SIPESBU, Victor NDABANIWE basaba Reta gushira mu ngiro imbere ya Ruhuhuma 2014 ivyo yumvikanye n’abigisha mu nama yabahuje mu Rumonge, mu kwezi kwa Rusama 2013. Bitagenze ukwo, ayo masendika amenyesha ko azokoresha ubushobozi ahabwa n’amategeko. Mu ngingo bamenyesha ko bashobora gufata ni uguhakarika akazi iminsi indwi, hamwe n’ukutazotanga amanota y’igice ca kabiri, aho ni mu gihe ukwezi kwa Ruhuhuma 2014 kwohera Reta y’Uburundi itaratorera inyishu ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara kiri mu bigisha mu Burundi.
Egide Nduwimana