Accueil > Amakuru > u Burundi > Sendika SYGECO irabeshuza ivyo yagirizwa
Sendika SYGECO irabeshuza ivyo yagirizwa
lundi 11 Ruhuhuma 2013
Haheze indwi imwe umushikiranganji w’abakozi n’akazi afuse sendika SYGECO mu mpfunyapfunyo y’igifaransa ku rutonde rw’amasendika yemewe n’amategeko mu Burundi.
Iyo ngingo yahatswe gucumbagiza ibikorwa vya politike y’imishahara vyari biteguwe kubera i Gitega biyobowe n’uwo mushikiranganji nyene ari kumwe n’amasendika yose akorera mu gihugu.
Ivyo bikorwa vyaciye biba birahagarara ariko umushikiraganji yemeye ko azogiriranira nabo ibiganiro muri ino ndwi bahagarikiwe n’ umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu.
Ariko bikiri aho sendika SYGECO irabeshuza ivyo yagirizwa ko yoba yarakiriye imfashanyo yo gufasha ababuriye ivyabo mw’isanganya ry’umuriro wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura.
Icegera c’uwurongoye iyo sendika Martino Sindaruhuka asaba abo bose bagiriza iyo sendika bokwerekana ibanki ayo mafaranga yabitsweko na compte ariko.
Agasaba kandi umushikiranganji w’abakozi n’akazi gusubiramwo ingingo yafashe yo guhagarika iyo sendika.
Sylvere Bavumiragiye