Accueil > Amagara y’abantu > Sendika SYNAPA iratera ivyatsi iburabuzwa ry’abanywanyi bayo
Sendika SYNAPA iratera ivyatsi iburabuzwa ry’abanywanyi bayo
samedi 2 Munyonyo 2013
Urwego rukuru rwa sendika yaba foroma SYNAPA rwatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kubijanye n’irungikwa ry’abari muriryo ririko rirakorwa n’ubushikiranganji bakukira. Ibirabuzwa ririko rigirwa n’abayobozi bo m’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Urwo rwego rukuru rukaba rwashaka kwibutsa ko ibikorwa vyayo bigenga amateka y’umuntu wese.
Sendika SYNAPA ihurikiyemwo abaforoma mu Burundi yatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu. Intumbero akaba yari iyo gushira ahabona ibijanye n’ibikorwa ryo kuburabuzwa kw’abari muri iyo sendika. Ukwo kuburabuzwa sendika ivuga ko kuriko kugirwa n’abayobozi bakukira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA.
Mélance Hakizimana umukuru wa sendika SYNAPA ku rwego rw’igihugu akagira ati : « Mu gihugu kivurwa ko kirimwo demokarasi, agateka ko kuja muri sendika canke guhagarika akazi igihe bikenewe, n’ibintu bitegerezwa kwubahirizwa n’ico gihugu nyene ».
Ivyo bikaba vyavuzwa mu kugutera ivyatsi ukurungikwa gukorera ahandi (mitation) kuriko kuba ku baforoma bari muri SYNAPA. Iyo sendika ikaba ivuga ko abo baforoma bariko bahorwa kuba batanguye kumenya uko ubutunzi bukoreshwa ku mavuriro bakorako. Aha rero umukuru wa sendika amanyeshako ari uburengenzira bwabo bwo kumenya ukugene itunganywa ry’ubutunzi ririko rirakoreshwa.
Kubw’ivyo, sendika SYNAPA yafashe ingingo yo kugaragaza ku mugaragaro abantu bose bimuwe mu kazi bahoramwo bakajanwa ahandi, umwe wese n’ico yazize.
Mu ntara ya Kayanza, sindika SYNAPA ivuga ko abimuwe ari abakuru b’amavuriro abiri, iy’i Kabuye n’iyi Murima. Abo bazize ko bacishije kuri konte y,intara amafaranga bari basabwe guterera kugira hubakwe Stade, mugihe abaka ayo mafaranga bashaka ko bayahabwa mu ntoke. Ivuriro rimwe rikaba ryatanze amafaranga 500 000, irindi 1 000 000.
Mu ntara ya Ngozi, uwuserukira sendika SYNAPA mu karere k’uburaruko bw’igihugu, ariwe munyamabanga wa SYNAPA hamwe n’icegera ca sendika mu ntara nibo bimuwe. Mu Kirundo, uwuserukira SYNAPA ku bitaro vy’ i Murore, niwe yimuwe azira kukutumvikana n’umuyobozi w’ibitaro Murore be nuko atwara district Murore. Yahowe ko yoba agumura abakozi kuja mu mayegereyegere.
Mu ntara ya Rutana, uwuserukira SYNAPA yimuwe ashingwa ayandi mabanga azira ko yagaragaje isesagurwa ry’ubutunzi ryariko rigirwa n’ubuyobozi bw’ibitaro. Umuyobozi w’ibitaro vy’i Gihofi be n’uw’ Ikinzanza kubwo kudahuza n’uwamutwara kw’ivuriro ryaho Ikinzanza barimuwe. Ivyo vyokwimurwa kw’abari muri Sendika SYNAPA bikaba vyaribonekeneje kandi i Bubanza, Kayanza, Gitega na Cibitoke.
Sendika SYNAPA ikaba itera akamo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ca SIDA ko yohagarika uko gutera ubwoba abari muri sendika. Ihagarike ukwo kurungika abakozi irya n’ino kandi atakindi bahorwa atari ukumenya ibijanye n’ubutunzi bw’amavuriro bakorako, ivyo bafitiye uburenganzira. SYNAPA ikaba yasavye abanywanyi bose bayo kuguma bafatanye mu nda, ntibacike intege mu kubandanya gushira k’umugaragaro ubusuma bwose buriko buraba mu bitaro no mumavuriro ya Leta.
Bukuru Mariella