Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sénégal : Abanyeshure bo muri za kaminuza bari muri yegereyegere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sénégal : Abanyeshure bo muri za kaminuza bari muri yegereyegere

Sénégal : Abanyeshure bo muri za kaminuza bari muri yegereyegere

mercredi 28 Rusama 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza zo muri Sénégal bari muri yegereyerege batazi igihe izorangirira, bishuza agafashanyo kabo k’amezi atandatu, 22 muri bo baritavye ubutungane bahorwa ko bafatanye itonga bari gutera ibiro vy’umuyobozi ajejwe gutunganya ama kaminuza.

Abanyeshure bo mu ma kaminuza bo mu gihugu ca Sénégal barahagaritse ivyigwa gushika ikibazo cabo gitorewe inyishu. Ingorane z’agafashanyo batararonswa abo banyeshure k’amezi atandatu, kakaba intandaro y’imishimirano hagati y’abo banyeshure n’abajejejwe umutekano mu ndwi iheze. Hari kandi abanyeshure batari bake bakomeretse muri iyo mishamirano.

Abo banyeshure bo mu gihugu ca Senegal bakaba biyamiriza kuba baheraniwe agafashanyo kabo k’amezi atandatu, aho ndetse banateye n’ibiro vy’umuyobzoi ajejwe gutunganya ama kaminuza. kuri uwu wa kabiri abanyeshure 22 baritavye ubutungane bahorwa ko bafatanywe itonga. Umushingwamanza mukuru wa Republika nawe akaba yabasabiye umunyororo w’amezi atatu.

Sendika imwe y’abigisha ba kaminuza kuri uno wa kabiri nayo, yariyamirije yivuye inyuma ukuntu abapoRisi bahohoteye abo banyeshure.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.