Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sénégal : Mohammed Dionne niwe yagenwe mu mabanga y’umushikiranganji wa (...)
Sénégal : Mohammed Dionne niwe yagenwe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere
lundi 7 Mukakaro 2014
Mohamed Dionne, asanzwe yegereye cane umukuru w’igihugu ca Sénégal Macky Sall niwe yagenywe kuri uno w’Imana igenekerezo rya 6 Mukakaro, kugira abe umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu. Mohamed Dionne akaba asubiriye mu kibanza cahoramwo Aminata Touré, yakombowe amaze amezi 10 gusa.
Uwo mushikiranganji wa mbere asubiriye Aminata Touré afise imyaka y’amavuko 54. Mohammed Dionne yavutse ku genekerezo rya 22 Nyakanga 1959 i Gossas hafi ku birometero 200 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Dakar. Guhera mu kwezi kwa Ntwarante, yakora mu biro vy’umukuru w’igihugu, ajejwe gukurikirana umugambi w’iterambere mu vyerekeye ubutunzi n’imibano.
- Mohammed Dionne yashinzwe amabanga y’umushikiranganji wa mbere wa Sénégal
Abasanzwe bamuzi bavuga ko ari umukozi akunda ibikorwa, umuntu abika ibanga akongera akaba yegereye umukuru w’igihugu Macky Sall. Mohamed Dionne akaba abaye umushikiranganji wa mbere agira gatatu ku ntwaro ya Macky Sall, inyuma Abdoul Mbaye na Aminata Touré aheruka gukomborwa.
Floxella Karire