Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Senegal: Urubanza rwa Hissene Habre rwimuriwe mu kwezi kw’9 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Senegal: Urubanza rwa Hissene Habre rwimuriwe mu kwezi kw’9

Senegal: Urubanza rwa Hissene Habre rwimuriwe mu kwezi kw’9

mercredi 22 Mukakaro 2015

Urubanza rwa Hissène Habré yahoze atwara igihugu ca Tchad rwungururijwe ku rindi sango,kugira abamuburanira baronke umwanya ukwiye wo gusoma ibiri mw’idosiye y’urubanza.

Urwo rubanza rwatanguye kuwa mbere igenekerezo rya 20 Mukakaro,imbere y’uko aburana Hissène Habré yari yabanje gusaba abamuburanira kudashika aho urubanza rubera,ariko kubera amategeko ubucamanza bwaciye bumuronderera uwundi amuburanira.

Urubanza rwimuriwe kw’igenekerezo rya 7 Nyakanga, kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Mukakaro Hissene Habre yashikanywe imbere y’ubucamanza ku nguvu kuko yahamagawe yanke kwitaba ngo ashike imbere y’abacamanza.

Hissène Habré yahawe ubuhungiro muri Sénégal inyuma yo gutembagazwa ku butegetsi na Idriss Deby Itno arongoye igihugu ubu.Yagirizwa ivyaha vyakozwe hagati ya 1982 na 1990.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.