Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sénégal: Uzahoze atwara igipolosi yagirijwe kuba adandaza ibiyayuramutwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sénégal: Uzahoze atwara igipolosi yagirijwe kuba adandaza ibiyayuramutwe

Sénégal: Uzahoze atwara igipolosi yagirijwe kuba adandaza ibiyayuramutwe

vendredi 19 Mukakaro 2013

Ibara ryaguye mu gihugu ca Senegal, aho uwahoze atwara igipolisi yagirijwe kuba adandaza ibiyayuramutwe. Imbere y’uko atorwa kuba umuyobozi mukurru w’igipolisi mu mpera z’ukwezi kwa Rusama, komiseri Abdoulaye Niang, niwe yatwara igisata muvyo guhana abadandaza ibiyayuramutwe, haraciye imyaka 10.

N’ibishikirizwa n’uwamusubiriye. Komiseri Cheikhena Saadbou Keita akaba yagiriza Abdoulaye Niang kuba akorana n’abandandaza ibiyayuramutwe. Komiseri Abdoulaye Niang, yagirizwa kuba ariwe yateguye gusubira kudandaza ibiyuramutwe vyari vyafashwe, bikaba vyanditswe mu cegeranyo kivuga ibikorwa vy’abadandaza ibiyayuramutwe batari bake. Ico cegeranyo canditswe igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013, kimeze nk’ica mbere cari carungikiwe umushikiranganji muri Ruhuhuma uyu mwaka nyene.

Ivyo vyegeranyo bibiri vyasinywe n’uwamusubiriye asigaye atwara igisata kijejwe kuhana abandandaza ibiyayuramutwe, komiseri Keita, asubiramwo nk’akarorero amajambo yavuzwe n’umunyanigeriya adandaza ibiyayuramutwe ati : "umutegetsi yahahora yaransubiza ibiro bitari bike vya cocaine, nkaca ndamuzanira amafaranga atari make. Igitanganje, n’uko ayo majambo yavuzwe n’ibinyamakuru mu gihe haciye iyinga Cheikh Keita akuwe mu mabanga yahora akora. Umushikiranganji wo hagati mu gihugu, general Pathe Seck, we avuga ko abo ba komiseri uko ari babibi bariko barabisubiranamwo, intambara ari iyabo. Ivyo akaba yabimenyesheje abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Abdoulaye Niang yagirizwa ubwo bubisha, akaba ataco yabivuzeko, abanyagihugu nabo, bakavuga ko biteye isoni haba k’uruhande rw’igipolisi canke k’uruhande rw’abo aserukira, kubona umukuru nk’uyo yagirizwa kudandaza ibiyayuramutwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.