IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sentare iburanya abana izoshirwaho mu Burundi

Sentare iburanya abana izoshirwaho mu Burundi

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Mu rwego rwo kubungabunga uburenganzira bw’abana, Uburundi burategekanya gushiraho sentare izohora iburanira abana ikongera ikababuranisha hakurikijwe amategeko mpuzamakungu, yemejwe mu nama y’uburenganzira bw’abana.

Inyuma yo kubona ko abana bahohoterwa ku buryo kukabije, Leta y’u Burundi irategekanya gushiraho sentare idasasanzwe izohora ibaburanya ikongera ikababuranisha.

Mu makuru dukesha Afriquinfos, Bizimana ashinzwe imanza z’abana mu bushikiranganji bw’ubutungane mu Burundi aganira n’ikinyamakuru Xinhua, yavuze ati: “Ubutungane bw’Uburundi buremeza ko habuze sentare ihariwe mwene izo manza”.
Yabandanije avuga ko iyo sentare izojaho kugira ngo hahashwe ivyaha vyo kudandaza abana, kubashora i buraya n’ibindi bikorwa biteye isoni

Mu bushakashatsi bwakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bw’abana mu Burundi, bwamenyesheje ko muri Ruhuhuma 2013 hagaragaye abana benshi bakorewe ivyaha.

Bizimana yibukije ko ku wa 3 Ndamukiza 2013, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yatangaje amategeko mashasha arimwo n’ishirwaho rya sentare y’abana batarengeje imyaka 18.

Mu gutegura amategeko yo gucungera abana mu bushikiranganji bw’ubutungane, harategekanywa inyigisho nkarisha bwenge ku bacamanza badasanzwe bagomba kuburanisha abana, hakanategekanywa ko abana bazohabwa ibihano bibakwiye, bidahuye n’ibihabwa abakuze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.