Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yanse kurekura Gbagbo (...)
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yanse kurekura Gbagbo ivy’agateganyo
mardi 8 Nyakanga 2015
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikorera i La Haye mu Buholande yanse kurekura ivy’agateganyo Laurent Gbagbo yahoze arongoye igihugu ca Cote d’Ivoire.
Laurent Gbagbo ubu akwije imyaka 70 y’amavuko, yari yasavye gupfungurwa vy’agateganyo kubera arwaye.
Yagirizwa ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu, urubanza rwiwe rwimirije gutangura mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2015.
Laurent Gbagbo yagirizwa ko yakoze ivyo vyaha inyuma yo kwanka kwemera ivyavuye mu matora mu 2010,aho bahiganwa na Alassane Dramani Ouattara arongoye igihugu muri iki gihe.
Abantu barenga 3000 nibo bahitanywe n’ ubwicanyi bwakwirikiye ayo matora.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Nyakanga 2015, 17:57, par Maso
Ahubwo N’ Agumeyo Arindirireyo N’ Abandi Bakora Nk’ Ivyo Yakoze.
8 Nyakanga 2015, 19:09, par AAAAAAAAAAAAA!
Uyo muntu n’uwomuha abandi yobica
9 Nyakanga 2015, 11:40, par burundi buhire
peter araba araraba ko ataco arwaye kuko nawe ntibazomuha uruhusha rwo kw’ivuza