Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sentare mpuzamakungu mpanavyaha igiye gucira urubanza Bagbo canke (...)
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha igiye gucira urubanza Bagbo canke imurekure
jeudi 12 Ruheshi 2014
Imbere y’uko iyi ndwi irangira, sentare mpuzamakungu irafata ingingo ku vyerekeye urubanza rwa Laurent Bagbo, namba bamucira urubanza canke bakamurekura.
Mu gihe sentare yomurekura, vyoshobora guhungabanya umutekano w’ico gihugu ca Cote d’Ivoire citeguriye amatora y’umukuru w’igihugu, yitezwe muri uku kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2015, akaba afise akamaro kanini cane kuri ico gihugu catabaguwe mu mwaka w’2011, mu kajagari kahitanye abantu bagera ku 3000.
Laurent Bbagbo w’imyaka 69 yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara (crimes contre l’humanité).
Tubibutse ko Laurent Bagbo yafashwe mu kwezi kwa Ndamukiza n’abasirikare bashigikiye Alassane Ouattara, babifashijwemwo n’igihugu c’Ubufaransa, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Inyuma y’amezi indwi akaba yaciye arungikwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye.
Floxella Karire
Messages
13 Ruheshi 2014, 11:42, par roza kamikazi
yarazi ko azokwama atwara igihugu ivyakera vyaraheze ukora ikibi ukagisanga imbere wakora iciza ukagisanga imbere abatwara ibihugu vyo muri africa birakwiye kubabera icigwa kuko cpi irababona.
14 Ruheshi 2014, 12:37, par Bazogenda Bararwira
@roza,aho rero uvuga nka bande bandi,na cane cane?
16 Ruheshi 2014, 11:48, par mutabazi
Bagbo arazira ubusa!! Bahereye kw’isiha Rukarabankaba Paul Kagome!!! Kwariwe mwicanyi ubifitiye impamyabushobozi!!!