Accueil > Amakuru > u Burundi > Sentare ntahinyuzwa yahawe indongozi nshasha
Sentare ntahinyuzwa yahawe indongozi nshasha
mercredi 7 Gitugutu 2015, par
Uburongozi bwa sentare ntahinyuzwa bwahawe umushingwamanza Sylvestre MPABWANAYO, icegera ciwe akaba ari Domina BANYANKIMBONA. Bompi bemejwe n’inama nkenguzamateka kuri uwu wa kabiri.
Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa kabiri amazina arenga mirongo ibiri y’abagiye gukora mu bisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji bw’ubutungane. Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’ubutungane, Aimee Laurentine KANYANA, abo bemejwe bagiye gusubirira abagenwe mu yandi mabanga.
Abo bemejwe n’inama nkenguzamateka ni abagiye gukora muri sentare ntahinyuzwa, sentare nkuru y’igihugu, sentare isubiramwo imanza, parake nkuru y’igihugu hamwe na parake zisubiramwo imanza.
Mu barenga mirongo ibiri bemejwe n’inama nkenguzamateka, harimwo ivyariho vy’umushikirizamanza muri sentare ntahinyuzwa. Abo nabo akaba ari Balbatus NTAKARUSHO, Jean Claude MUCUCUGURU hamwe na Jean Bosco BUCUMI.
Egide NDUWIMANA
Messages
7 Gitugutu 2015, 15:18, par Scott
Gatsindwa nanyagasani,ntabutungane buri ngaha iwacu
7 Gitugutu 2015, 16:12, par olivier
reka kudutamba kumuvyimba’muburundi hari justice dufise.niyankurunziza nayo twebw reka turindire kwicwa nabo yahay ubutegetsi.
8 Gitugutu 2015, 08:31, par dany franck
nta gishasha bazozana kuko ubutungane busanzwe ataburiho uravye ingene mufata abanyororo ; akarorero ka vuba n’ivyabaye ejo i Gitega . ubutungane iyo bugiye mwo inzigo yinzikira , bukaba igikoresho c’ubutegetsi bukorera ku gitsure c’ubutegetsi , ubwo butungane buri hehe? EMWE BAZOKORA nk’abandi urya Jenje wewe yagerageza none siwe akuwe ? NTA BUTUNGANE BWO MU burundi . nko gufata ugapfunga umuntu afise imyaka mirongo irinwi nka DARADANGWA ngo yagomba kugira putch ni inzigo y’inzikira nta butungane kabisa