Accueil > Poritike > Imigambwe > Sentare ntahinyuzwa yerekanye aho ihagaze ku rubanza rw’Abadasigana ba (...)
Sentare ntahinyuzwa yerekanye aho ihagaze ku rubanza rw’Abadasigana ba UPRONA
mercredi 29 Nzero 2014
Sentare ntahinyuzwa yashikirije ko bitagikenewe ko isasa mu rubanza ruhuza abadasigana ba UPRONA. ivyo, iyo sentare ikabishikiriza inyuma y’aho umukuru w’umugambwe, umushingamateka Karori Nditije amenyeshereje ko hari, abariko barashaka kuzana imanza kandi abadasigana bariyumvikaniye ko batagira urubanza na rumwe muri sentare.
Iyo ngingo ya sentare ntahinyuzwa yo kuri uyu wa 28 Nzero ku muhingamo, ikaba yaje inyuma y’aho umukuru w’umugambwe w’Abadasigana Uprona umushingamateka Karori Nditije yagiririje umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ko uriko ukoresha bamwe mu badasigana, kugira urubanza rwakuwe muri sentare ntahinyuzwa ruhuza umurwi wishinze kwambika umutamana Uprona na Uprona iri mu nzego z’igihugu rusubire gucibwa, ivyo abo badasigana babona ko vyari bigamije guhamba umugambwe wa Rwagasore.
Ku muhingamo w’uyu wa 28 Nzero rero, bamwe mu badasigana bakaba bavuga ko urwo rubanza rwashobora gusasa, rugaca rucibwa kuko hari abadasigana boba bariko barakoreshwa kugira umugambwe wabo usubire mu ryane, aho UPRONA waca uba urarongowe ivy’imfatakibanza na Niyoyankana Bonaventure umushingamateka yatowe mu ntara ya Gitega, ndetse yigeze kurongora uyo mugambwe, kugira atunganye ayandi matora, kuko uwuhari Nditije Karori, yaca afatwa nk’uwutatowe bidakurikije amategeko.
Muri iki gihe uyo mugambwe wiyunze, amashami yahora adacana uwaka agasubira kurangurira ibikorwa hamwe, kugira ibitandukanya abanywanyi bawo bitorerwe umuti, umushingamateka Karori Nditije aboneraho akaryo ko gusaba nyabuna Reta y’Uburundi gushigikira isubirana ry’imigambwe, kugira imigambwe yose yagiye iracibwamwo udushami twiyita ’’NYAKURI’’ isubire hamwe.
Aristide Nizigire
Messages
31 Nzero 2014, 13:31, par kariyo
Mbega politique!!! Emwe biragoye kweli.
31 Nzero 2014, 17:35, par MANI
UPRONA NIYO YAVYITEYE YAMANYE AMANYANGA KUVAKERA ABARONGOZI BAYO BIBUTS KUYORA BASHESHE.REKA BIBE.