IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare yafashe ingingo y’ukugumiza mu munyororo Petero Karaveri (...)

Sentare yafashe ingingo y’ukugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa

mardi 27 Rusama 2014

Amasaha mirongo ine n’umunani yari yahawe ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa ntacizere yavuyemwo, kuko sentare yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo, inyuma y’aho abamuburanira basabiye ko yorekurwa vy’agateganyo akaburana yidegemvya. Abamuburanira bamenyesha ko bagiye kwunguruza.

Kuva mu gatondo ko ku munsi wa gatandatu w’indwi twaraye dusozereye, hariko havugwa amakuru ko Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH ashobora kurekurwa umwanya uwariwo wose. Umwe mbere mubagize inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Samantha Power, aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika muri iyo nama, abicishije ku rubuga rwiwe ngurukanabumenyi "Twitter", yamenyesheje kuri uwo munsi wa gatandatu ko Petero Karaveri Mbonimpa yarekuwe, n’aho mu nyuma vyagiye kumenyekana ko atarivyo, uwo mutama w’imyaka 66 yari agipfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Ntawuramenya ico izo ndimi zibiri zavuyeko hagati ya Samantha Power n’ubutungane bw’Uburundi.

Abacamanza bategerezwa kwiga namba Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa vy’agateganyo bakoranye ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, baca bafata ingingo ko yogumizwa mu mvuto, akabandanya kuburana ari mu munyororo. Ababuranira uwo mukuru wa APRODH bamenyesha ko bakiranye umubabaro iyo ngingo, kuko ku bwabo ata nsiguro ihari y’ukugumiza mu munyororo uwo baburanira ataragirwa n’icaha, kandi atigeze yanka kwitaba ubutungane.

Umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mu baburanira Petero Karaveri Mbonimpa amenyesha ko bagiye kwunguruza imbere y’uko iminsi ibiri ihera, nk’uko babirekurirwa n’amategeko.
Petero Karaveri Mbonimpa apfunzwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu. Bamufashe bamwagiriza ko mu masanamu yatanze y’urwaruka rujanwa muri Congo mu myimenyerezo ya gisirikare harimwo imwe muri ayo masanamu itariyo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ahahah!!n’aba DD barageseye kweri nta nikigongwe bamwumvira muzehe w’acu!!!

  • MUBE MWIBUKA IVYOMUVUGA, KO BIBIKWA!!!! PACIFIC FOCODE, VITAL FORSC, RUPFYIRI OLUCOME, PIERRE CLAVER APRODH. IYO ABA JOURNALISTE BABABAJIJE KO ATANAKIMWE LETA IKORA CIZA BASHIMA BAMA BACA BISHURA KO : NGO LETA NAHO YOKORA IVYIZA, ARIKO IKOZE KIMWE KIBI VYAVYIZA NTACO BIBA BIKIMAZE!!!! NONE KO MBONIMPA AFADIKANIJE NA ABEL NSHIMIRIMANA NA RPA , MURI MAI 2012 AKAVUGAKO HARI IBIZIGA VYISHWE MURI NYANZARAKE BICIWE IMITWE N’AMAGARA , BAKABINWA AMARASO IVYOBINTU BITIGEZE BIBAHO, ATAMUNTU NUMWE YAPFUYE!!!!!!! MURI 2013 YADUTSE KOHARI IKIZIGA CUMUNYAKAMENGE KIRI KURUSIZI, AGAHITANA UMUGORE WUWO MUNTU NO KURI YA RADIYO AFISEMWO IMITAHE, AKAMUSHIKIRIZA KIRAMVU INDWI YOSE IGAHERA BAMURIRISHA KO LETA YAMAZE ABANTU, BUKEYE KABIRI WAMUNTU AKABONEKA!!!!!!! MURI 2014 MBONIMPA YAGIYE KUMASE AHITANA UMUKECURU WAHO AMUTWARA MURI YA STUDIO YIWE AMASHIKIRIZA UWUBIJEJWE KIRAMVU AMAZA IYINGA YOSE ARIZA UWOMUKECURU , AVUGAKO IBIMASHINI MUKIGWATI CO KUMASE CAHAMVYE ABANA BARI MUNZU BOSE, ARIKO BIJA KUMENYEKANA KO APRODH YARI YATWAYE KUNYEGEZA ABOBANA MURUKARAMU!!!!!!!! MURI 2014 YAVUZE KO IKILIBA INGANDA ZABARUNDI ZAHATIKIRIYE ARAZIVUGA NAMAZINA KANDI ZITABAHO, AGEZE MURI PARAKE ASANGA AHAGARARANYE NABABANTU YAVUGAKO BAPFUYE!!!!!!!! MURI 2014 AKAMUNA ATANGA IFOTO NGO NIBIZIGA VYABARUNDI NAHO ARI MONTAJE YAGIRIWE MURI LABORATWARE YA RENAISSANCE IHAGARIKIWE NA INNOCENT MUROZI, PACIFIC FOCODE NA VITAL FORSC. UWUGOMBA KUMENYA VYINSHI NAJE KURI SITE YA CIRAMUNDA RICHARD www.bujumbura.be . NOHERA HEZA MVUGANTI PIERRE YAHORA AKORA VYIZA NONE KOYADUKANYE IBIBI IVYOVYIZA NTIBIGIHARUWE!!!!!!!! NAHANWE NAKARE KUDAHANA KUGWIZA ZA MUJERI. AKABA ARI UBUSAZA NKUKO PACIFIC AGUMA ABIVUGA, BACE BAMUTWARA MURI ROHERO MURI CAKIGO GIFASHA ABASAZA BAMUFASHIRIZEYO!!!!! murakoze

  • MUGABO ABATUTSI MWE MURASETSA!MBE MURIBAZA KWABAHUTU TUKIRI IBIJUJU?KO MUMUKUNDA MUFASHE GUSIGURA IYO YAKUYE ARYA MAFOTO?AHUBWO NIBANYARUTSE BAMUCIRE UWO GUHERAYO,HAMA BACE BARABA VITAL NA PACIFIQUE NABONYE BABAKOZE KWINTOKE KUKO ZIRYA FOTO BARAZI IYO ZAVUYE.

  • hihihihiiiiiii hari abonumvise bavugako ngo amatora atazoba ngo kuko mbonimpa afunzwe!!!!!! hahahahaaaaa kugira twemere kandi tumenye ubukomezi mbonimpa afise mugihugu yarakwiye kuba arigumira mwibuye akazovayo inyuma yayo matora yabaye canke atabaye!!!!!!!!! none claver canke aprodh nibo bazotanga amahera yamatora??????????

  • Emwe mwebwe mujejwe gutunganiriza abantu reka kurenganya uwo mutama harya namwe muzomukenera!!nuko murundi atanzigo akoran’icoyishinze.Butungane ikebuke!!fungur’iyonzirakarengane MBONIMPA!

  • yaraukaze naote yararukarihije rekarumumwe yagira hategaumutegoreta noneauguyemwo abamutumye baramuhenze nkabandangiza shimira ubutungane nibakomere kumuheto

  • Bantu bubwenge buke???!!!!

  • Ariko aba dd babaye gute?barimugutumwanya ahobidakenewe ba dd nabantu mucunga umutekano wa peter murarya murimenga harahombonye yuko zamaneko zurwanda zamaze gushika ngaho ibuja zishika 800 kandi kumipaka baza barongere abasirikare ngo karuhariwe mwitonde nibibintu bizabirikubasamaza batazobagira nkokuri prezida havyarimana bibwirwa benshi bikumva benevyo

  • Ntamvura idahita aboba DD ntibibaze kwibintu bitazohinduka sikera nibarindire kayungurure ivyo vyoguhohotera abavuze ukuri bakakuzira buca bibaherana nibatembe neza muga bamenye ko nabo mwibuye habarindiriye guhera kumukuru wabo ariwe nkurunziza gushika kumbonerakure ziwe ahubwo nibaba baragura ubusho kuko ntanuwuzokwihenda ngwatoroke murakoze

  • Vyankabikunda Mutama uzorekurwa, Mandera yarafunzwe ariko ararekurwa wewe gumy’umutima twese turababaye kubwawe burabategurira ibibanza nabo ntagihe gisigaye bataje ngaho ariko wewe uzorekurwa bob bazogaheramwo Abarundi n’Amakungu turababaye.

  • Kudahana imbwa bigwiza imisega!! Ni bamwubakire inzu azobamwo hiyo nyene imyaka asigaje yo kubaho yose yemeye abamuta mu rudubi none raba aho ageze abamubeshe nabo bariko baririra bongera binywera!!

  • Ariko kuberiki mushaka gufata ibintu minenerwe? Sindumuhinga, ariko uko Pierre Mbonimpa yavuga kubijanye naryamafoto ntiyigeze akekeranya ngwavugeko afise amafoto YOBA ARIKOYAGIRIZWA KO ARABARUNDI BICIWE CONGO, yareruye neza arivugira ko yabiboneye aranifatira amafoto, Kubwivyorero vyerekanako yariyamaze guhabwa igikorwa gitandukanye nicotwebwe abarundi twarituzi yarisanzwe akora, Pierre Mbonimpa yariyamaze kwipanga neza yemye atagukekeranya kwambika ingugo iremereye igihugu ciwe, murankurikirana neza nunomusi murabona ko atarigera avugati ndasavye ikigongwe, canke abobirirwabavuga ngobaramukundagusumbabandi ntibigera bavugako vyobavyiza asavye ikigongwe, ahubwobavuga ngonafungurwe ningoga ngombere atanakimwe gisabwe, impamvubavugaguryo nuko ivyo Mbonimpa yakoze baribabizinanyeko, kandi igituma bataramutswa ivyogusaba ikigongwe nukobaziko uyumugore Samantha Power harico babizinanyeko, nambamugirangondabesha murazokurikirana ivyoyakavuze kuburundi vyose muzosanga hariho umupango afise arinawo dukubitizako umutima tukumva turamushavuriye.

  • izomperume ziriko zidedemba ko mbonimpa yavuze ivyatazi nibande????????????? igihe claver wenyene yadebagura muri kabizi ko yari ikiliba arafotora yemerako abazungu ngo bamuhaye amakaramu afotora ivyo ntavyo mwumvise??????? NONE IYOMIHIMBIRI IRIKO YIKURAKO UBUNTU NGO NISOSIYETE SIVILE, IRIKO IDEBAGURA IKI????????? NDASHAVUYE CANE KUBONA IYOMBWA YAMABINGA PACIFIC YARAGIYE MUNAMA ZO KUMONTA AYOMAFOTO BIBAZA NGO BIZOROHA.

  • Uyu Kigongwe uvuga ngo Mutama azarekurwa reka abanze uburyohe bwa prison. Nizere ko bazajya bamushyushya amabuno dore ko nubwo ashaje amabuno yeyaryohare okiboko

  • Muragakizwe mwese abarundi

  • We wiyita mutabazi nagira ndakubwire ko vyanka bikunda azorekurwa mbega Mutama Mandera ntiyamaze imyaka 27 mugasho afise ubureta 3 bumwe yisasira ubundi yiseguza ubundi yifuka unomusi naho atakiriho tuzoguma twibuka urugamba yarwanye nagira ndakubwire ko ico Mbonimpa ariko azira turakizi azira ukuri ico mwomenya Imana ntizigera yemera aka karenganyo kaba dd Nebukadineza yakoze ukw’Imana itagomba ac’amara imyaka 7 arisha nkinka mwishamba menya neza Imana izobasubiriza munkoko.

  • - PC est bien occupé en prison. Ca lui donne le temps de s,occuper des dossiers de ses prisonniers. Il ne quemande donc pas la liberation.
    - Les DDs lui ont offert un deal (moyennant demande de pardon) et il a refusé, comme tout mushingantahe. On ne trahit pas ses convictions.
    - Reka urubanza rube, ruburanwe ku mugaragaro. Ivyemezo nya vyemezo muje mwabibona. Nivyo aba DD batari biteze.
    - Hari ico benshi batazi: Dans le cadre de l,accord SOFA, les drones prennent des images. Ivyo rero birabitswe. Le moment venu, bizokwerekanwa.
    - S,il est demontré que les jeunes en formation paramilitaires sont exclusivement des imbonerakure, l’affaire Mbonimpa aura des ramifications insoupconnées, incluant un proces contre le CNDD-FDD, pour entretien d’une milice armee. La suite? Devinez-la.

  • Aba DD naba primates ntimuzote numwanya babasamaza kubera ivyo bakora!!!Basigaje umwanya nkuwurume rumara!!!!Kurugamba bari athletes muguhunga nubu bariko batembagara bihuta nkuko basannzwe banimenyereye!Nuwabareka yobatsinda mundaya!!’It is a matter of time!!!!

  • Mbese wowe Kigongwe.Mbonimpa ko yatanze amafoto ya M23 kugira ngo agumure abanyagihugu!!! Mbese ko umugirira ikigongwe wigeze byibuze wumva abihakana???? Iriya photo imwe nanjye nari nsanzwe nyizi ! Ahubwo nkibaza uko uwo mupfamutima ngo ni Mbonima yagiye gutekinika!! Njye mbona nubwo ashaje akiri injiji mw’ikoranabuhanga!! Nibamara kumukatira niho azumva uburemere bwibyo yakoze!! Ntabwo rerowamugereranya na Mandela kuko Mandela yavugaga ukuri ntabwo yigeze ajya guhimba ibintu nka Mbonimpa...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.