Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ubudagi : Sentare yatunganirije umugabo yitwariwe ko asoba ahagaze aho (...)
Ubudagi : Sentare yatunganirije umugabo yitwariwe ko asoba ahagaze aho kwicara
vendredi 23 Nzero 2015
Sentare yo mu gihugu c’Ubudagi yaraye itatuye amatati yari hagati ya nyen’urupangu n’umupangayi wiwe aho nyen’urupangu yamwitwariye amwagiriza gusoba kw’isima aho gutumbereza mu kinogo c’akazu ka surwumwe.
Sentare y’intango y’i Düsseldorf (igisagara kiri mu burengero bw’igihugu c’Ubudagi) yaraye itatuye amatati yari hagati y’abagabo babiri. Amatati hagati ya nyen’urupangu n’umupangayi yatanguye igihe nyen’urupangu yinjira mu kazu ka surwumwe k’umupangayi wiwe w’umugabo, agasanga amama y’amasobe kw’isima avuga ko izimvye yo mu bwoko bwa "Marbre". Nyen’urupangu yaciye yitura ubutungane ko uwo mugabo amwononoera isima kubera ayo masobe ahakorokera atuma isiduka kubera arimwo ubumara. Wewe yashaka ko mugusoba yokwicara kuri "pot" kurya kw’abagore n’abakobwa.
Umukuru w’intahe Stefan Hank ahejeje kwumviriza ivyo abo bagabo babiri bapfa, yabatatuye yishimikije urwandiko rw’abahinga. Yagize ati : " Turavye ivyo abahinga bavuga, ego amasobe arimwo ubumara bushobora no kwonona isima, ariko uwo mugabo arafise uburenganzira bwo gusoba ahagaze". Abandanya abwira nyen’urupangu ko yari kugabisha umupangayi wiwe ko isima yiwe idakomeye, hama uwo mupangayi agafata iyo nzu bavyumvikanye canke ntayifate. Uwo mucamanza abandanya asigura ko uwo mupangayi yari gushiramwo umwitwarariko mu gusoba (gutumbereza muri "pot") mu gihe yari kuba abana n’abantu b’igitsina gore kuko arya masobe asigara ku mbiga za "pot" ashobora kubatera indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, ntiyari kwitwaza ngo isima yiwe yosiduka.
Mbega ku bwawe Sentare yaciye neza urwo rubanza?
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Nzero 2015, 13:11, par Stephen KABANGA
Ego.
23 Nzero 2015, 13:53, par Ntiwihebure
Bisigura ko hariho aho abagabo basoba bicaye?
23 Nzero 2015, 14:11, par John
Ego
23 Nzero 2015, 23:51, par Jaffar
Ego , aratandukanye nabacamanza bo mu Burundi , bobo barikunviriza amabwire ya CNDD
24 Nzero 2015, 14:29, par 27743863886
Yaruciye nezakabisa ntawosubiramwo iyaba aribamwe biburundi barigushigikira uwpangishije kuko ariwe afise amahera yokubahonga!
26 Nzero 2015, 01:10, par eMERY
hahahhaa nakamenyoooo none abagabo karashize ingane tuze dusoba duhagaze!!! Mumisi iza iyo politique ya ba DD BAZOHAVA BABITW,OBLGA NKUWO NYENE URUPANGO..rUDOLPHE AZOHAVA ABESHERA bOB KO YASOVYE AHAZE