Accueil > Amakuru > Amatongo > Serapiyo Bambonanire : "Buramatari wa Makamba yakoze ibidakorwa"
Serapiyo Bambonanire : "Buramatari wa Makamba yakoze ibidakorwa"
vendredi 6 Ntwarante 2015, par
Umukuru w’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga yagiriza buramatari wa Makamba ko yigenza nk’uwutwara igihugu, kandi ko yivanga mw’itunganwa ry’ibikorwa vy’uwo murwi. Na bamwe mu bashingamateka ka CNDD FDD bagirizwa ko babangamiye ibikorwa vya CNTB. Uwo murwi ukaboneka nk’uwacanyemwo n’abatowe muri CNDD FDD i Makamba.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Musenyeri Serapiyo Bambonanire arongoye umurwi CNTB ku rwego rw’igihugu yamenyesheje ko ingorane uwo murwi watewe na buramatari wa Makamba, Gilbert NDUWAYO, zitagira uko zingana. Uwo nawe akaba yaheruka gufata ingingo yo guhagarika ku mvo z’umutekano, ingingo zishika ku 240 umurwi CNTB waheruka gushira mu ngiro mu ntara ya Makamba, ariko musenyeri Serapiyo Bambonanire akavuga ko uwo buramatari atari abifitiye ububasha na butoya, kandi ko ata n’itegeko na rimwe yisunze. Musenyeri Bambonanire ati : "Yakoze ibidakorwa, yiha akamenyo mu gihugu cose, ngo arafuse, arahagaritse ingingo z’umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga. Akenge ntikagarutse ngo abwire aboba batanezerejwe n’izo ngingo ko bokwitura sentare idasanzwe ijejwe amatati y’amatongo n’ayandi matunga. Ku bwiwe ntayihari, ubwo nayo nyene yarayifuse. Murumva ko ariwe asigaye ategeka igihugu, kuko afuta amategeko uko ashatse, akikorera ivyo yishakiye. Buramatari w’i Makamba yakoze ivyo twita kwidigadiga, yaridigadize, biranka ko atwenga. Ntaco azoshikako rero."
- Musenyeri Serapiyo Bambonanire arongoye umurwi CNTB
Musenyeri Serapiyo Bambonanire, umukuru wa CNTB avuga kandi ko umurwi CNTB ubangamiwe na bamwe batowe mu mugambwe CNDD FDD mu ntara ya Makamba, babandanya kuvuga ko uwo mugambwe uriko uratakaza amajwi kubera ingingo za CNTB, akavuga ko abo batowe bamaze gusinzikazwa n’ubwoba bw’ukubona ko kumbure muri aya matora ataco bazohanoba, bagaca batangura guta impfane ku murwi CNTB bawuhora ko hirya no hino mu nzego zose z’igihugu, ariwo wonyene uriko urerekana ko ufitiye akamaro abanyagihugu, kandi mu butungane n’amahoro, mu kuri, nk’uko umukuru wa CNTB abivuga, bagaca batangura gusharika uwo murwi.
"Nabo bafise amatati muri CNTB"
Musenyeri Serapiyo Bambonanire amenyesha ko abariko bakwiza ibihuha ko CNDD FDD izobura amajwi i Makamba kubera ingingo z’uwo murwi, ari abashingamateka bagiye kumuraba, basanzwe nabo bafise amatati y’amatongo muri uwo murwi, muribo akavuga nk’umushingamateka Bucumi Pasteur asanzwe afise amatati muri CNTB, kandi n’inzu yiwe idandaza imiti (Pharmacie) i Nyanza Lac umurwi CNTB ukaba umaze kuyimwaka. Abandi bavugwa na Musenyeri Bambnanire ni Ntasano Oscar, nawe nyene afise amatati y’itongo muri uwo murwi, umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo nawe nyene afise amatati muri uwo murwi, hamwe na François Kabura nawe nyene mu matongo buramatari avuga ko yasubije beneyo, harimwo itongo CNTB yamwatse.
Kubwa Musenyeri Serapiyo Bambonanire, vyumvikana ko abo batowe muri CNDD FDD baca bafata iya mbere mu kuvuga ko atari vyiza ko umurwi CNTB usubiza amatongo beneyo, kuko nabo hagiyemwo amwe mu matongo bari bafise.
- Gilbert Nduwayo, Buramatari w’intara ya Makamba
Tubibutse ko intango ya vyose ari ingingo yafashwe na Gilbert NDUWAYO, buramatari w’intara ya Makamba, yo guhagarika ivy’agateganyo, ku mvo z’umutekano, mu kiringo c’indwi zibiri, ingingo zose zafashwe na CNTB muri iyo ntara, ivyo akaba yabikoze inyuma y’imigumuko yari imaze iminsi iba, y’abanyagihugu biyamiriza umurwi CNTB mu ntara ya Makamba, bawagiriza ko ucanishamwo abahunguka n’abasangwa.
Egide Nduwimana
Messages
6 Ntwarante 2015, 16:26, par ndayishimiye therence
biramaraje kubona nabo muntwaro basigaye bifadikanya na banyagihugu mu kwiya miriza ingingo zafashwe na cntb.ivyo vyerekana ko cntb ifata ingingoo zituma abanyagihugu bacanamwo
6 Ntwarante 2015, 17:03, par Iyumenya
Abarundi tuzobandanya kuba ba niryo kugeza ryari ? CNTB nibandanye kuko iri gukora vyiza,none ugomba ko abahunguka boca babura ivyabo kubera igihe bamaze barahunze? Abo bashingamateka ba CNDD FDD bagumura abanyagihugu muntumbero yogushaka kugumana ivyo canke ayo banyaze,ngo vyitirigwe ko ari abanyagihugu bagumutse kandi ari amayeri yabo bashingamateka,nagir mvuge nti :uwoba adashima ibikogwa na CNTB yoba ari igipfu asigaje kunuka.Birababaje kumva ko umushingamateka adandariza munzu yanyaze,bayimwaka ati:reka ngumure abanyagihugu bavuge ko CNTB iri kuryanisha abahunguka n’abasangwa nanje mbonereho kugumya ivyo nanyaze.Mutama Musenyeri Bambonanire komera turagushigikiye.Gilbert Nduwayo warukwiye gutanga imihoho kuko uteye isoni kumva ko uri buramatari ukaba uri mubanyaze amatongo yabari barahunze,wewe uri imbunuza kimwe nabagenzawe.
6 Ntwarante 2015, 18:49, par ninquin
buramatari w’intara ya makamba ndamwemeye cane yabonye abanyagihugu biwe bohavura bacanamwo kubera umugwi CNTB agafata ingingo zo kubahumuriza .Hama ikintangaza nyakubahwa musenyeri twe tuziko reta yamushizeho kubera imwemera ari umukozi w’Imana adashobora guhengama none ngo abashingamateka b’umugambwe CNDDbariko bawubuza amjwi I MAKAMBA none se ivyo navyo yarabishinzwe ?ko tuzi yari yatowe nkumukozi w’Imna ivyamajwi mur CNDD yabishinzwe ryari? Rindira tubone.
6 Ntwarante 2015, 19:20, par mussa
Abarundi turakwiye gutahura igihe ahokigeze tukareka kuza turahendya nabamwe mubategetsi badutwara (mbe??) Nikuberiki umutegetsi iyabonyeko hamubabanye acayiruka mubanyagihugu akababwira ngo bagumuke kandiga nuwutazi intango yavyo ajamwo mbenone ko iyo umunyagihugu mutomuto iyo ivyiwe aba yaranyaze mugihe cntb ibimwatse ikabiha mwenevyo ko atamutegetsi amufasha kugumuka??
6 Ntwarante 2015, 19:32, par SIHONDI Levis
NDABABAYE NIMBA IVYO SERAPIYO YOBA AVUZE KURABO BATOWE HAMWE VYOBA ARIVYO!!!!!!!!!!!!! SERAPIYO NACE ABAKA AYO MATONGO YOSE BANYAZE ABANTU MURIYI MYAKA CUMI BATWAYE HAMA ABANYAGIHUGU BAZE BABATERE IVYATSI NAMAVYI KUMWE BABIGIRIRA GITI MPOZE IBUGENDANA. SERAPIYO KOMERA KWIBANGA NGUSHIMA KUKO WEWE UDAHINDURA IVYO WAVUZE KO ATANUMWE CNTB ATAZOGERA UMUTWE.
7 Ntwarante 2015, 08:43, par CYKOS
MBEGA MURIKI GIHGU KO UMENG’AKAJAGARI GASHAKA GUSASIRWA INDAVA! UWO BURAMATARI YIHAYE UBUBASHA BWO GUHAGARIKA INGINGO ZAFASHWE N’UMUGWI W’IGENGA(CNTB),AKAVYIVANGAMWO NKUKO AHERUKA KWANKA KO SOCIETE YITWA:DOC SERVICE IJEJWE KUGWANYA FRAUDE MU GIHUGU HAMWE NA MUSITANTERI WA KAYOGORO KANDI BAFISE IMPAPURO ZIBEMERERA GUKORERA MU GIHUGU N’IBIRO VY’UMUKURU W’IGIHUGU NA MINISTERE DE L’INTERIEUR BAKEMEZA KO IYO SOCIETE BAYIZI HAMA KU NYUNGU ZABO NO GUKINGIRA IKIBABA ABADANDAZA BAKORA BIDACIYE MU MATEGEKO BAKIYAMIRIRIZA IYO SOCIETE AHO NTIMUBONAKO ABO BANYA MAKAMBA KO UMENGO BAFISE IYINDI NTUMBERO YOKUVUGURUZA INGINGO Z’UMUKURU W’IGIHUGU,AK:IGIHE ABAKORERA DOC SERVICE BAFATA AMAGUNIRA Y’IMPUZU NAMA YEBO YEBO BAKAYASHIKANA KURI POSTE Y’IGIPOLISI MU KAYOGORO MUKURINDIRA KO ANTI FRAUDE IZA KUBIRABA MUSITANTERE AMAZE KWIFATIRA MU GAHANGA ABATWARA DOC SERVICE MU NTARA YA MAKAMBA YACIYE ABIREKURA BIRAGENDA BITARISHE KANDI ABIKUYE MU KIGO CA POLISI AGACA AFATA INGINGO YOGUHAGARIKA IBIKORWA BAHAKORERA NIKO BAKORA IMAKAMBA?
7 Ntwarante 2015, 09:47, par muco
Je hari ikintangaza. Uwo Serapiyo afata ingingo z’agahotoro zicanishamwo abantu gusa. Akarorero ntikabuze aho mu Ngagara yanyaga inzu y’umuntu akayihera uwutigeze ava mu Gihugu ngo arahunze, kandi bose bemeza ko uwo yahawe iyo nzu umuvyeyi wiwe ariwe yari yarayigurishije. Ivy’i Makamba navyo, Serapiyo acanishamwo abantu, munyuma bagasigara baragumuka abajejwe intwaro bakaba aribo basigara barawota nawe yiryamiye i Bujumbura. None aba ashaka bace barera amaboko? Buramatari siwe yakoze ibidakorwa. Ahubwo uwo musenyeri niwe akora ibidakorwa. Abashingamateka nabo namenye ko badaserukira umugambwe baserukira abanyagihugu babatoye. Babona bariko bararenganywa bategerezwa guhaguruka. Ivy’amajwi bazoronka navyo ntibimuraba. Ivy’ukwihebera Imana vyaramunaniye, none ubu naho agira yivange muvy’abaronka amajwi n’abatayaronka? Aritoza basi wewe ayaronke.
7 Ntwarante 2015, 15:00, par Kuri
KOMERE BATAMA REVELIEN NADUGE MBERE ABARWANYA CNTB SINDABUMWA SI ABA DD BAYISHINJE? BARI BAZI KO IZOTUZA ABATUTSI GUSA ARIKO RERO REKA HOSE BIBE
7 Ntwarante 2015, 16:25, par aloys.niyongabo@yahoo.fr
Mbega salapiyo ko kera yar’umukozi w’imana, noneko abo yarashinzwe bamwiyamirije imbere y’imana azovugang iki kwabo yamuragije ariko arabateranya??
7 Ntwarante 2015, 20:32, par Nwari
Yaaaaaaa haaaaaaa babandi bahora bavuga ko arabatutsi banyaze ’ubunaho vyageze gute?ayomatogo yabashingamateka kandi arabahutu ?????!!!!!!vyageze gute?????ejo bundi Nditije ariko aravuga ngo reka iyomporona nibo bagaje abantu ??none abashigamateka ba dd nabakeguza mateka ubu niho bakobona ko cntb ikora nabi????jewe nagira nabatutsi bonyene banyaga nabahutu barimwo?????ivyuburundi nakayobera bahiga ,burya :bucumi’ndikuriyo,oscar ingene yigisha abahutu ko abatutsi aribabi nawe yari mubinyagano hiiiiiiiii%ooiiiiiiiiioouuu_uuuuuuuuuuuuuuuu
7 Ntwarante 2015, 21:03, par Nikobamye
Abo ba dd baribazi yuko inkuba iyo irabije itwara umwansi gusa? Kuberiki bagomba kuyora agafu bamaze kugasesa?m ntibigumure nibindi birinyuma!!! Niba gumehamwe
7 Ntwarante 2015, 22:09, par BUKURU Jean Marie
Biratangaje pe!Musenyeri ;yoba akoresha amategeko yatowe n’inama nshingamateka irwiriyemwo abo muri CNDD-FDD;none ngira icokorwa botora ayandi.Mugabo uko kutumvikana gutanguye vuba kuko naho Abarundi bamwe bamwe bakoma induru;kizigenza yarakenguruka cane ibikorwa vya CNTB.Amajwi nayo;ku bwanje ntiboyabuzwa n’ico gusa kuko badutorera zmategeko meza!?Vyose tugerageze kubihereza Uwo mw’ijuru Azotwishura.
7 Ntwarante 2015, 22:13, par BUKURU Jean Marie
Biratangaje pe!Musenyeri ;yoba akoresha amategeko yatowe n’inama nshingamateka irwiriyemwo abo muri CNDD-FDD;none ngira icokorwa botora ayandi.Mugabo uko kutumvikana gutanguye vuba kuko naho Abarundi bamwe bamwe bakoma induru;kizigenza yarakenguruka cane ibikorwa vya CNTB.Amajwi nayo;ku bwanje ntiboyabuzwa n’ico gusa kuko badutorera zmategeko meza!?Vyose tugerageze kubihereza Uwo mw’ijuru Azotwishura.
8 Ntwarante 2015, 10:09, par Ntahombaye
Erega ntibiyamirijeingingo za CNTB bagumuye abanyagihugu ko.nabo Bari mibasima n abanyazi ngo babakingire .Jew mbona uwo..murwi utomoye none ko.umututsi yanyaze umwaka,umuhutu yanyaze ikamwaka ,umu dd yanyaze ikamwaka.Wumva haruwo irenganya?
8 Ntwarante 2015, 18:17, par ELIAS
JEWE SERAPIYO NDAMUSHIGIKIRA KUKO ITEGEKO BAMUHAYE NIRYO YISUNGA KO ATAWURATANGAZA INGINGO ARENGA VYEREKANAKO BATORA AMATEGEKO BATAHANUJE ABO VYEGA CANKE BIKURAYO GUSA KANDI ABANTU BOSE BARANGANA BARI GUHAGURUKA KUVA MU NGAGARA
9 Ntwarante 2015, 13:27, par KABADUGARITSE
Ahanini Musenyeri Sérapion arwanywa n’abicanyi hamwe n’abasuma bo muri 1972 canke imiryango yabo. Nayo ahandi, nta murundi, uwemera canke uwutemera Imana, afise umutima wo kwuzuriza bene Mana yogaya ibikorwa vy’umurwi arongoye.-
19 Ntwarante 2015, 13:18, par gahungu astere
Abarundi mufatira kutuntu dutoya cane nico gituma niguhugu kiri my yanyuma bikenye iyo dossier yumukuru was cntb na buramatari urunva yuko uwo mukuru was cntb ashaka guteranya buramatari na president .wewe wagiriza umuntu ko yitwara nkumukuru wigihugu gute kandi yibaha umukuru wigihugu numutima wise wose .uwo mukuru wa cntb bamuhindure kuko ivyo avuga vyose biri politize usanga nayo matongo ayavanga na politique.abantu bacanka abandi vyumwihariko nkawe jewe mbona atanijambo bari bakwiye kuronka mu burundi turwke kuba umukuru w’ umurwi ukomeye gutyo nka cntb hubwo bakwiye kuyihagarika cointrywide canke bakamuhindura umuntu bene uyo ubona ahengama cane.buramatari ataba inyungu zabanyagihugu biwe ko umwagiriza igihugu ukamengo yatarenze intara yiwe akaja guhindura amategeko i bujumbura canke i bururi.hubwo ntazi no kubesha ariko aravuga uca ubona ko hari ikintu personel amufiye buramatari ariko ko wewe ataco yomugira niho rero aca amuteranya na president ngo harumuntu witwara nkawe.
4 Nzero 2017, 10:19, par Ntakirutimana AL Joel
Nibamwiyamirize vyaramunaniye kwuzuriza abanyagihugu, Jewe nabavyeyi banje twarahungutse 92 tuvuye igatumba muntara yarukwa, uwo twasanze mwitongo ryacu, ya rumvikanye numuvyeyi wanje atangorane, baragabuye bonyene ubwabo, nukuri aho twatahiye twarashimye kandi, nawe yarashimye gose.kugezubu niwe muryango dufise nimba twogiribibazo nawe nyene ababigize, nawenyene agizibibazo ntamahoro twigera turonka. Rero kuvyombona biriko birakoreka mwiyimisi na CNTB birababaje cane, kuko urasanga nkumu bamutekeza akaja kuyerera nabana ugasanga biteye umubabaro, irya komisiyo yakora muri 90 nukuri yariyo guhuza abarundi, ariko CNTB yuyu musi yaje gukwega inzakano mubarundi, jewe ndashigikira iyongingo yafashwe na Bramatare irakwiye, bishobotse uwomusenyeri asubizwe mwisemina yokwigishwa guhuza abahunguka nabasarwa, ikindi jewe ntashigikira nicababantu bazabavuga kwa matongo yarayabo, ataho yigeze abayabo, beneyo ugasanga barapfuye muriruryarwimo 72 mugabo kubera asazwe azimweneryo atazigera abonekana, acanyitirira ko nyari ryiwe,aho ryigeze ribiryiwe!, abandi usanga bapfiriye mubuhungiro,hagasigara abana bonyene, nabo baramaze kwironkera ubwene gihugu bwa Tanzania, uburundi aburabira kwikarata gusa ntabwazi. Aca fatwa nabihungukiye kubera basazwe baziyuko batazigera baza ngaha muburundi, bacabayiyitirira kwarayiwabo izo nizongorane dukunze kubona ngahiwacu muri makamba.