Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sharfu yari Mkombozine avuga ko ata wundi yomurutira Mkombozi. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Sharfu yari Mkombozine avuga ko ata wundi yomurutira Mkombozi.

Sharfu yari Mkombozine avuga ko ata wundi yomurutira Mkombozi.

vendredi 29 Ntwarante 2013

Sharfu yari waramenyekanye cane kw’izina rya Mkombozine kuko yahoze ari umukunzi pfa mpfe w’umuririmvyi Mkombozi ariko bikaba bizwi ko ubu batakiri kumwe Nk’uko mu minsi iheze twabishikirijwe na Mkombozi akatumenyesha ko arindiriye umukunzi azokwerekwa n’Imana, twaregereye na Sharfu nawe,tumubaza ico abivugako , yatumenyesheje ko ubu atavy’urukundo arimwo kuko ntawuzomurutira Mkombozi.

Sharfu aratubwira naho bahebanye na Mkombozi kuriwe amufata nk’umuntu w’ingirakamaro kuko afise vyinshi amwibukirako nk’impanuro nziza yamuha, kumufasha mu buzima bwa minsi yose no kumukunda ata buryarya kandi akaba yarabimwereka.

Arongera avuga ko umukobwa azokunda Mkombozi azomenye ko yigerezako kuko we yumva afise ivyizigiro ku rukundo rwabo , mukwizera ko ruzosubira kubaho kuko Mkombozi yamubwiye ko azosubira kumuvugisha mu kwezi kw’indwi, naho Mkombozi we avuga ko kumuvugisha bidasigura gusubira kumukunda.

Asozera abwira Mkombozi ko ivyo yumva bamuvugako canke nawe ivyo amwiyumvirako atari vyo, amusaba kwama yibuka ko yamubereye umukunzi igihe kirekire kandi aze aribuka umgani w aba sokuru uvuga uti:” Aho rwaciye nta rwanko ruhaca” .


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.