Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Shazi na Vumera Band bagiye kwitaba “Bahimba International Festival of (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Shazi na Vumera Band bagiye kwitaba “Bahimba International Festival of (...)

Shazi na Vumera Band bagiye kwitaba “Bahimba International Festival of Arts”

mercredi 21 Myandagaro 2013

Umuririmvyi Shazi Harera n’umurwi wiwe wa Vumera Band bariko biritegurira kwitaba isabukuru y’umuziki mu gihugu ca Uganda. Iyo sabukuru « Bayimba International Festival of Arts » ikazobera i Kampara ku kigo k’imico n’akaranga hakazoba ari kw’igenekerezo rya 20 gushika 22 Nyakanga 2013.

JPEG - 38.8 ko
Shazi Harera

Umuririmvyi Shazi Harera hamwe n’umurwi wiwe Vumera Band bazokwitaba isabukuru “Bayimba International Festival of Arts” igira 6. Iyo sabukuru ikaba iba ukwo umwaka utashe i Kampala mu gihugu c’Ubuganda. Ukuja muri iyo sabukuru, Shazi Harera avugako yabaye ivyo yirondereye. Yabinye itangazo ryo guhamagara abazitabira iryo higanwa asanga arakwije ibisabwa hama ararungika ubutumwa bwo gusaba. Inyuma y’iminsi, abategura iryo sabukuru baraheza baramurungikira ikete rimuha uburenganzira bwo kuja muri iryo sabukuru.

JPEG - 66.3 ko
Shazi Harera

Kumwe n’umurwi wiwe wa Vumera Band, Shazi yemezako biteguriye guserukira neza Uburundi muri iryo sabukuru. Amenesha yuko bazokwerekana imico n’akaranga kirundi. Bakazoba ngo ndetse banazoshimikira mu kurata umurisho w’ingoma hamwe n’umurya w’inanga. Imyiteguro barayirembeje nkugutegura indirimbo basanganywe no kwiga uturirimbo dushasha kuko bazoba bafise iminota 45 yo kurata umuco n’akaranga kirundi imbere yabazoba bitavye iryo sabukuru.

Shazi Harera avugako iyo yitavye isabukuru ziri ku rwego mpuzamakungu aba aronse umwanya mwiza wo kumenyana n’abaririmvyi mbere n’abacuraranzi bahandi. Ivyo ngo vyongereza ubumenyi kandi ashobora no kuharonkera abashigikira ibikorwa vyiwe mu gihe baba babishimye


SENGUREBE Joël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.