Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa i Bujumbura :’’Si ndi intagondwa kandi si ndi gaterantambara”. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa i Bujumbura :’’Si ndi intagondwa kandi si ndi gaterantambara”.

Rwasa i Bujumbura :’’Si ndi intagondwa kandi si ndi gaterantambara”.

mardi 6 Myandagaro 2013

Inama yari yateguwe na Rwasa Agato aho bita kw’Iraro aha mu gisagara ca Bujumbura ntiyoroherejwe n’abapolisi, aho bari bakubise harazima mu ntumbero yo kuburagiza ivyo bikorwa. Inyuma y’isaha irenga hari ukwutumvikana hagati y’abanyagihugu n’abapolisi, haciye hashika abandi bambaye inkinzo ubona ko baje biteguriye ikintu gikomeye, ariko abanyagihugu bakaba bagumye aho nyene mu kibanza n’aho bariko barumva ko abatari bake bari bafashwe mu ntara za Bubanza na Bururi.

Muri iyo nama yari yitabwe n’abanyagihugu benshi cane, ku buryo kurengana bitari vyoroshe. Abandi bari ngaho, twovuga nk’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, uwuserukira igihugu c’Ufaransa, Nigeria, igihugu c’Ubuhorande, abo muri BNUB, abo mumashirahamwe ataho yegamiye akorera ngaha mu Burundi nk’uwishirahamwe OLUCOME, FOCODE. Eka n’abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta bari ngaho, aho twovuga nk’umupfasoni Alice Nzomukunda yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, abandi boba bagumye bazibiwe mu miduga barimwo.

Kuri ivyo rero vy’ukubuzwa kugira inama n’abanywanyi biwe, vyatewe ivyatsi n’abo basangiye urubuga rwa politike, aha twovuga nka Aimé Magera. Yavuze ko ivyo biteye isoni mu gihugu bivurwa ko kigengwa n’amategeko. Yavuze ati, umuntu vyavuzwe neza n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edwarudo Nduwimana ko ari umuntu nk’abandi, ashobora kubuzwa kugira inama n’abanywanyi biwe gute? Yabandanije avuga ko ubu baje, gusubira inyuma vyo bitagikunda. Ikindi n’ukwo Rwasa Agato yashoboye kuduha ikiganiro ari mu muduga. Muri ako kanya, yavuze ko ababajwe cane n’ingendo nk’iyo yo kumuburagiza. Abanywanyi biwe bamenye ko yashitse kw’Iraro, ingoma zaciye zivuga, baratamba, ariko aho hose haguma hari uguterana amajambo hagati y’abanyagihugu n’abapolisi.

Bigaragaye ko bidashoboka ko Rwasa yinjira ahategerezwa kubera inama, yaciye aduga imuhira iwe i KIRIRI, aho yaragiye guha ikiganiro abamenyeshamakuru. Naho nyene ntivyoroshe kuko imodoka zari zimureruye zakurikiwe n’icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi c’Uburundi general Godefroid Bizimana. Muri ako kanya nyene, Rwasa yinjiye, n’abo mu gipolisi baciye binjira, ariko babajijwe igituma binjira mu nzu y’umuntu mu gihe ataco bamwagiriza, ntaco yashimye kwishura, we gusa yamenyesheje ko ari ngaho nk’abandi bose, kandi ko atawe ariko arabuza amahoro, ndetse atan’uwo ahava adya urwara.

Mu kiganiro Rwasa yahaye abamenyeshamakuru muhira iwe, yamenyesheje ko aje kubandanya igikorwa ca politike kandi yipfuza amahoro mu Burundi, ubwisanzure, kurwanya agacinyizo, kurwiza umwimbu n’ukurwanya ubukene avuga ko buzingamitse igihugu. Yemeje ko ataho yigeze aja, abibaza ko yoba yarahunze, bihenze cane kuko avuga ko yagumye aha mu gisagara ca Bujumbura, kandi ahamaze imyaka itatu. Yabandanije avuga ko ataroye ahabona ngo atere intambara, ahubwo aroye ahabona kugira akore. ati :’’Si ndi gatera ntambara kandi sindi intagondwa".

Ahejeje guha ikiganiro abamenyeshamakuru, Rwasa yaramukije abanywanyi biwe, mu gihe baguma baza ari benshi, kandi baza n’amaguru, bava kw’irarobaje kuraba. Yasavye abanyagihugu kuguma bakunda umugambwe wabo, ndetse n’ukwitegura kugirira ikigongwe abanywanyi avuga ko baguye bambaye amakoti meza. Yasavye abanyagihugu ko botaha amahoro, ati ubu ndatanguye kuja ahabona kandi, mugira mumbone kenshi. Ati genda musangira agafatnta na bagenzi banyu, uwo bwirirako nawe, mu muhe indaro. Abanyagihugu bari benshi imbere y’inzu yiwe, co kimwe n’abapolisi eka n’abasirikare. Abanyagihugu bagumye batamba, bavyina indirimbo zihayagiza umugambwe FNL, abandi n’abo ngo :"Rwasa ,Obama"....


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.