Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Siera Leone: Umurwayi wa nyuma wa Ebola yasohotse ibitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Siera Leone: Umurwayi wa nyuma wa Ebola yasohotse ibitaro

Siera Leone: Umurwayi wa nyuma wa Ebola yasohotse ibitaro

mercredi 26 Myandagaro 2015

Umurwayi wa nyuma yari mu bitaro arwaye Ebola mu gihugu ca Siera Leone yarasohotse ibitaro kuwa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.

Uwo murwayi azwi kw’izina rya Adama Sankoh w’imyaka 34 yasohotse ibitaro vya Makeni biri mu gisagara ca gatatu mu gihugu ca Siera Leone.

Umukuru w’igihugu ca Siera Leone Ernest Koroma naho ashima iyo ntambwe,ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu rimenyesha ko bakwiye kuguma bicungereye,kuko umutnu umwe abonetse ko arwaye Ebola shobora gutuma abantu benshi bafatwa.

Ahejeje gusohoka ibitaro, Adama Sankoh yamenyesheje ko agiye kuba uwa mbere mu gukangurira abanyagihugu kwama bari maso no kwicunga naho nyene umugera wa Ebola usa n’uwuriko urazimangana.

Abantu bababa 4000 nibo bamaze gupfa bahitanywe n’iyo ndwara mu gihugu ca Siera Leone.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.