Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Siera Leone: Umurwayi wa nyuma wa Ebola yasohotse ibitaro
Siera Leone: Umurwayi wa nyuma wa Ebola yasohotse ibitaro
mercredi 26 Myandagaro 2015
Umurwayi wa nyuma yari mu bitaro arwaye Ebola mu gihugu ca Siera Leone yarasohotse ibitaro kuwa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.
Uwo murwayi azwi kw’izina rya Adama Sankoh w’imyaka 34 yasohotse ibitaro vya Makeni biri mu gisagara ca gatatu mu gihugu ca Siera Leone.
Umukuru w’igihugu ca Siera Leone Ernest Koroma naho ashima iyo ntambwe,ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu rimenyesha ko bakwiye kuguma bicungereye,kuko umutnu umwe abonetse ko arwaye Ebola shobora gutuma abantu benshi bafatwa.
Ahejeje gusohoka ibitaro, Adama Sankoh yamenyesheje ko agiye kuba uwa mbere mu gukangurira abanyagihugu kwama bari maso no kwicunga naho nyene umugera wa Ebola usa n’uwuriko urazimangana.
Abantu bababa 4000 nibo bamaze gupfa bahitanywe n’iyo ndwara mu gihugu ca Siera Leone.
IGIHE