Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sierra Leone : Amashure azosubira kwugurura mu ndwi zibiri inyuma y’amezi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sierra Leone : Amashure azosubira kwugurura mu ndwi zibiri inyuma y’amezi (...)

Sierra Leone : Amashure azosubira kwugurura mu ndwi zibiri inyuma y’amezi umunani

jeudi 26 Ntwarante 2015, par IGIHE

Amashure yaramaze amezi umunani yugaye mu gihugu ca Sierra Leone, azosubira kwugururwa ku genekerezo rya 14 Ndamukiza, ni ukuvuga inyuma y’indwi zibiri ku kiringo cari camenyeshejwe ubwa mbere.

Umushikiranganji w’amashure muri Sierra Leone, yamenyesheje ko abategetsi bariko bashiraho ingingo zitandukanye mu ntumbero yo kwitegurira iryo yugururwa ry’amashure, yaba aya Reta, abigenga, ayo yose yugawe kuva mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’2014.

Mu kwezi kwa mbere, abategetsi b’ico gihugu bari bamenyesheje ko amashure agiye kwugururwa muri kuno kwezi kwa Ntwarante ariko rero indwara ya Ebola ikaba yaciye isubira kwivyukiranya muri ico gihugu.
Iryo tangazo rivuga ko abanyeshure basanzwe bari mu turere tw’abo bashize ukwabo mu ntumbero yo gukingira abatarafatwa n’ico kiza, batazogenda kw’ishure.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.