Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sierra Léone : Iminsi mikuru iheza umwaka yabujijwe guhimbazwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sierra Léone : Iminsi mikuru iheza umwaka yabujijwe guhimbazwa

Sierra Léone : Iminsi mikuru iheza umwaka yabujijwe guhimbazwa

mercredi 17 Kigarama 2014

Igihugu ca Sierra Léone catangaje ko hagiye kuba isakwa ku nzu ku nzu ku murwa mukuru Freetown ryo kurondera abarwayi ba Ebola boba binyegeje.

Umukuru w’igihugu Ernest Bai Koroma yanavuze ko urudandazwa ku wa mungu rubujijwe, nazo ingendo hagati mu gihugu zikaba zagabanuwe.

Izo ngingo zije mu gihe Reta yabujije iminsi mikuru yose yo kwigina Noweri n’umwaka mushasha mu ntumbero yo kurwanya uwo mugera wa Ebola.
Sierra Léone ni kimwe mu bihugu vyakozweko cane n’indwara ya Ebola imaze guhitana abantu 6.800 muri uyu mwaka.

Mw’ijambo ryiwe umukuru w’igihugu Koroma yavuze ko iryo sakwa rifise intumbero yo guhagarika uguhererekanya iyo indwara nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru AFP. Akaba yagize ati:’’ntimunyegeze abarwaye’’.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.