Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sierra Leone: Uwundi mugore yapfuye ahitanywe na Ebola
Sierra Leone: Uwundi mugore yapfuye ahitanywe na Ebola
mardi 1er Nyakanga 2015
Ikigo kijejwe kugenzura indwara ya Ebola NERC cemeje ko mu gihugu ca Sierra Leone hasubiye kwibonekeza umuntu afise indwara ya Ebola,inyuma y’iminsi ine umurwayi yavuye asohotse ibitaro yakize.
Umuvugizi w’ikigo NERC Sidi Yaya Tunis yavuze ko inyuma y’ibipimo vyakozwe ku mugore yapfuye mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro mu karere Ka Kambia, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Sierra Leone,basanze afise ibimenyetso vy’umurwayi wa Ebola.
Sidi Yaya Tunis yavuze ko bamaze kurungika umurwi muri ako karere kapfiriyemwo uwo mukenyezi,abantu cumi akaba aribo babonanye nuwo mukenyezi nabo bakaba bashobora kuba bafise iyo ndwara.Yavuze ko bibaye ngombwa ababa muri ako gace kose bashobora gutandukanywa n’abandi.
Kubwa Sidi Yaya Tunis,ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS riramaze gushikana intumwa zaryo muri Sierra Leone kugerageza urucanco rwamaze kugeragezwa mu gihugu ca Guinee.
Abantu 11300 baramaze kwitaba Imana bahitanywe n’indwara ya Ebola kuma mu mpera z’umwaka w’2013.
Van Naris Mugisha