Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Simeone Diego amenyereza Atletico Madrid yizeye intsinzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Simeone Diego amenyereza Atletico Madrid yizeye intsinzi

Simeone Diego amenyereza Atletico Madrid yizeye intsinzi

mardi 22 Ndamukiza 2014

Imirwi yashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu mahiganwa y’imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya mw’ihiganwa rya "Champions League" kiratangura kuri uwu wa kabiri. Umurwi wa Chelsea uza gutana mu mitwe n’umurwi wa Atletico Madrid.

Inyuma y’ikurakuranamwo ryo mu gice 4 gishira ica nyuma c’amahiganwa ya Champions League, hashoboye kubandanya imirwi ya Chelsea, Atletico Madrid, Real Madrid na Bayern Munich. Igice ca 2 gishira ica nyuma gitangura mw’ijoro ry’uyu wa kabiri. Umurwi wa Chelsea wari watsinze Paris-Saint-Germain uzagutana mu mitwe na Atletico Madrid nayo yatsinze FC Barcelone. Atletico Madrid iza gukinira ku kibuga cayo. Uwo murwi kandi niwo uri kw’isonga mw’ihiganwa "La Liga" ryo muri Espagne.

Inyuma yo kwishimira intsinzi ivuye kure ku murwi wa Paris-Saint-Germain, Jose Mourinho amenyereza Chelsea yamaze kwipanga n’abakinyi nka Eto’o, Hazard n’abandi. Ku rundi ruhande, umumenyereza Simeone Diego abona ko umukinyi Diego Costa akinira Atletico na bagenzi babona ko intsinzi ari iyabo.

Urubanza ruza gucirirwa mu kibuga.

Tubibutse ko uwukwirikirana amagara ya Cristiano Ronaldo akinira Real Madrid yamenyesheje ko ejo kuwa gatatu azokwitaba urukino ruzohuza uwo murwi na Bayern Munich, inyuma y’inkino 2 zikomeye atakinye kubera igikomere co mw’ivi.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.