Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yaciriwe gufungwa imyaka 20
Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yaciriwe gufungwa imyaka 20
mardi 10 Ntwarante 2015, par
Simone Gbagbo , umupfasoni w’uwahoze arongoye igihugu ca Côte d’Ivoire, yaciriwe umunyororo w’imyaka 20 kubera uruhara rwiwe mu myirekano yakurikiye amatora yo mu 2010.
- Simone Gbagbo umupfasoni wa Laurent Bagbo yahoze arongoye Cte d’ Ivoire
Simone Gbagbo, w’imyaka 65, bimwe mu vyo yagirizwa akaba ari uguhangabanya umutekano w’igihugu, kuvutsa ukugararariza mu banyagihugu. Umugabo wiwe Laurent Gbagbo aracarindiriye kuburanishwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Abashika ibihumbi bitatu bapfiriye mu myiyerekano yakurikiye amatora y’umukuru w’ico gihugu, igihe Laurent Gbagbo yanka kwemera ko yatsinzwe na Alassane Ouattara.
Simone Gbagbo n’umushingantahe wiwe bafashwe mu 2011 bahungiye mu gisagara c’i Abidjan. Abo mu muryango wiwe baravuga ko ico gihano ata butungane burimwo, bakavuga impande zose zakoze ibikorwa bibi zikwiye kujanwa mu ma sentare.
Laurent Gbagbo, we yagirizwa ivyaha bine birimwo ubwicanyi, gufata ku nguvu abagore n’ivangura.
Floxella Karire
Messages
10 Ntwarante 2015, 12:09, par ###
Nkurunziza yarakwiy kurabira ngaho kuvyashikiy umuryango wa bagbo kuko ibibi vyose akora ubu canke ibikogwa nabamushigikiy amenye koo ariw numuryango wiw bazovyishura kurya Niyombare yavuniy akogohe. barundi tubandanye kwigumya buraca bugacanayandi
10 Ntwarante 2015, 14:11, par NDAVUGASIMVURA
Nama nivugira nti isi irazunguka kandi nti isi iyihonyoreko buhoro buhoro kuko niyo izokumira, kandi ngo uworukarisha rwo mumwa , ukora iciza ukagisanga imbere wakora ikibi ukagisanga imbere iyo ba umuntu wese kuri iyi isi yarazi ko isi izunguruka two kwicishije bugufi.