Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Simone Gbagbo yakuwe i muhira iwe umushingwamanza atabizi
Simone Gbagbo yakuwe i muhira iwe umushingwamanza atabizi
mardi 2 Kigarama 2014
Simone Gbagbo yahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire Laurent Gbagbo yakuwe aho yahora apfungishirijwe ijisho, ajanwa ku murwa mukuru Abidjan aho yari aroye kwumvirizwa n’ubutungane.
Uwo mukenyezi afise imyaka igera kuri 65 y’amavuko, akaba yafashwe inyuma yaho yagirijwe ko yari kumwe n’abandi mu bahungabanije umutekano w’igihugu, ndetse umugabo wiwe akaba ubu abarizwa i La Haye aho apfungiwe kuva mu mwaka w’2011 yagirizwa guhohotera agateka kazina muntu, n’ibindi vyaha birimwo ubwicanyi. Simone Gbagbo akaba yakuwe i Odienné ku birometro bigera 610 km uva ku murwa mukuru ajanwa n’indege, aho vyitezwe ko uyo mupfasoni ari kumwe n’abandi bagera kuri 82 bazobarizwa hamwe.
Ababonye uwo mupfasoni wa Gbagbo ku kibuga c’indege, bakavuga ko yagabanutse ibiro, ndetse naho yagerageza kwifatafata, vyaboneka ko atambukana intuntu. Ariko rero uwuburanira uwo mukenyezi ariwe Rodrigue Dadjé akavuga ko kugeza ubu atazi ingene ubutungane bwamuhamagaje.
Messages
2 Kigarama 2014, 18:12, par Twaje
Sukubahonezagusa uyumukenyezi umuravye mengontafise imyaka 65 yamavuka ndibaza kwati photo yakera?
2 Kigarama 2014, 20:42, par NDAVUGASIMVURA
mwabantu mwe kora iciza muhunge ikibi, murabona ko uwukora ikibi wese bitebe bitebuka aravyishura nibaza ko uyu muntu akwiye guha akarorero inkozi zibibi.