Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Singapour : Igikomo gitabariza umugore agire afatwe ku nguvu (...)
Singapour : Igikomo gitabariza umugore agire afatwe ku nguvu cakozwe
mercredi 11 Ruheshi 2014
Mu gihugu ca Singapour, harakozwe igikomo co gutuza abo bose bari barigize kayoberabahinga mu guhohotera ubuzima bw’abakenyezi, mu kubafata ku nguvu.
Ishirahamwe JWT ryo mu gihugu ca Singapour ryashize kw’isoko igikomo (collier/bracelet) gikozwe mu buryo bwa kijambere, gitabaza iyo hagize uwushaka guhohotera umugore wese acambaye.
Nkuko urubuga ngurukanabumenyi "terrafemina" dukesha iyo nkuru rubimenyesha, ico gikomo ciswe "Malayila Murinzi" gikozwe mu muringa, kikaba cambarwa ku kuboko nka kurya isaha yambarwa.
Abahinga bagikoze bakavuga ko ico gikomo bise Malayila Murinzi kizohora gitabaza igihe umugore azoba agire afatwe ku nguvu, canke agire ahohoterwe. Mu gutabaza, umugore azobona agire ahohoterwe, azofyonda aka "Bouton" kari kuri ico gikomo, ico naco kikazoca gihamagara terefone ngendanwa y’umuntu inomero ziwe zizoba zatanzwe. Izo nomero za ngendanwa zizoba zanditswe ku muntu uwo mukenyei azoba yaratanze, kugira azoshobore kuza gutaba hakiri kare.
Ico gikomo kandi gikozwe mu buryo igihe habaye ihohoterwa, uwo bazoba batanze inomero ziwe muri ico gikomo, azoshobora kubona gato amasanamu y’umuntu azoba agire afate uwo mukenyezi ku nguvu.
Kimwe muvyatumye ishirahamwe JWT rikora ico gikomo, akaba kwari ukugira bahane abagabo bama bashaka guhohotera ubuzima bw’abagore, igihe baba babatumiye mu kabare, kuko baca bashaka kubafata ku nguvu baborewe.
Mariella Bukuru
Messages
12 Ruheshi 2014, 10:32, par ntiwihebure
Ico kintu Malayika Murinzi w’abagore cari caratevye kuza. Ni uko rere "le crime fait avancer le monde" n’ibindi biracaza. Ariko rero n’abagabo bamwebamwe bagihabwe. Hari abari barageseye ntibagire n’aho bitura kuko atawurota yumviriza ivyo bavuga usivye kuvyemera, bagahitamwo guhonyorerako ngo umugabo arinda akaje.
12 Ruheshi 2014, 13:41, par Anne
hi ico gikomo none cons cites ngwiki Muri English namadollars kigugwa? Yari anne