Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sinzi namwe bagabo n’abagore ingene mwokwishura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Sinzi namwe bagabo n’abagore ingene mwokwishura

Sinzi namwe bagabo n’abagore ingene mwokwishura

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Sinzi namwe bagabo n’abagore ingene mwokwishura abafasoni banyu canke abagabo banyu babandikiye ubutumwa nk’ubu bukurikira.

Abaremesha kiyago bakoresheje inama kubaserukira abandi mubagore baba i Bujumbura kuri centre jeune Kamenge(CJK) kugira babigishe uko bazokwigisha abandi kubijanye nuko bakwiye gufata abagabo babo.

Umuremesha kiyago arabaza ati: mbega kwarimwebwe abandi bafasoni barabirako uturorero none ninde muri mwebwe akunda umugabo wiwe? Umwe wese ati jewe.

Umuremesha kiyago arabaza ati: none muhora mubwira abagabo banyu ko mubakunda ryari? Inyishu zabaye nyinshi.....

Umuremesha kiyago ati: umwe wese nafate telephone yiwe maze yandike ibi:"NARAGUKUNZE,NDAGUKUNDA,NZOGUKUNDA GUSHIKA DUTANDUKANIJWE N’URUPFU MUTUNGWA WANJE". Maze umwe wese ayirungikire umugabo wiwe.

Bahejeje kuzirungika,umuremesha kiyago yabasavye ko bohinduranya amatelephone maze umwe wese agasoma inyishu umugabo w’umugenzi wiwe yarungitse. Inyishu zari izi:

1)Muribande ko ntabamenye

2)Heee mama Beli warwaye?

3)Nanje n’uko cherie wanje

4)Ndabona wagonze moteur

5)Sindagutahura ushatse kuvuga iki?

6)Heeee,aho Jean niwe wari uyirungikiye none uribeshe,uzakumpenda gute noneho?

7)Reka guca hirya no hino vuga amafaranga ugomba ndayakuzaniye muhira

8)Ndarose canke?

9)Sha utambwiye uwo wari wandikiye ifuni ihamba umwe

10)Narakubujije inzoga ariko waranse kwumva,ahubwo reka ndabibwire mabukwe ko wananiye.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.