Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Siriya : Abatavuga rumwe na Reta bahakanye kwitaba ibiganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Abatavuga rumwe na Reta bahakanye kwitaba ibiganiro

Siriya : Abatavuga rumwe na Reta bahakanye kwitaba ibiganiro

mardi 21 Nzero 2014

Umugambwe mukuru utavuga rumwe na Reta ya Syria, National Coalition, wamenyesheje ko utazokwitaba ibiganiro vy’amahoro muri ico gihugu bizotangura i Geneve muri iyi ndwi twaraye dutanguye.

Umugambwe National Coalition wamenyesheje ivyo inyuma y’aho umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, atumiye Irani muri ivyo biganiro.

Umuvugizi w’abarwanya Reta, mu kiganiro na BBC, yamenyesheje ko Irani itari ikwiye kwitaba ivyo biganiro kubera ko ico gihugu gifise ingabo muri Syria zishigikiye umukuru w’igihugu Bashir al-Assad, kandi ko Irani itigeze ishigikira ibikorwa vyo gushiraho Reta y’imfatakibanza itarimwo umukuru w’igihugu Al-Assad.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.