Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya: Igisasu catewe muri kaminuza y’ i Alep
Siriya: Igisasu catewe muri kaminuza y’ i Alep
mercredi 16 Nzero 2013
Hari ejo ku musi wa kabiri aho igisasu caturika mu kigo ca kaminuza y’i Alep mu gihugu ca Syria, kikaba cahitanye abantu barenga 50 bakaba barahitanywe n’ico gisasu.
Hari k’umusi wogutangura ibibazo muri kaminuza y’i Alep aho igisasu caterwa mu kigo c’iryo shure. Inyuma y’intambara zabaye abantu bagera ku 30 000 bagahunga,amashure yariyasubiye gutangura kuri iryo shure ariko hakaba hacungerewe n’abasirikare.
Nk’uko abanyeshure biga muri iyo kaminuza bavyigana, ngo uruhande rwasinzikajwe n’ico gisasu n’ururiko ibisata vy’ubuganga. Mu bahitanywe n’ico gitero hakaba harimwo abanyeshure n’impunzi.
Abagwanya ubutegetsi bwa Syria bakaba bavuga ko ico gisasu catewe n’indege z’abasirikare ba leta,mu gihe igisirikare ca Syria naco kimenyesha ko ico gisasu cari gitewe n’abaroberi bashaka kubasotora hanyuma kigahusha kigaca kigwa mu kigo ca kaminuza.
Marie Claire Ingabire