Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Slyvestre Ntibantunganya azokwitoza nk’uwigenga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Slyvestre Ntibantunganya azokwitoza nk’uwigenga

Slyvestre Ntibantunganya azokwitoza nk’uwigenga

mardi 12 Rusama 2015

Umukenguzamateka Slyvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi asaba ko ikirangaminsi cosubirwamwo,amaradiyo akugururwa,abapfunzwe bagirizwa kugira imyiyerekano bakarekurwa,kugira abarundi bizere ko hazoba amatora meza,kandi yitabwe na bose.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 rusama,Slyvestre Ntibantunganya yavuze ko agiye kwitoza nk’uwigenga yitwa «Gira Ijambo».

JPEG - 41.7 ko
Umukenguzamateka Slyvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi

Ku makenga ko yoba atakiri umunywanyi w’umugambwe Sahwanya Frodebu,Ntibantunganya yavuze ko akiri umunywanyi w’uwo mugambwe kuko mbere ari muri batanu batanguje uwo mugambwe.

Yavuze ko ukwitoza kwiwe nk’uwigenga atanumwe kuje gukumira, aca asaba ko ikirangaminsi c’amatora cosubirwamwo ku buryo hagera mu kwezi kw’8 amatora yose yaheze.

Uwo mukenguzamateka,avuga ko amakungu,ishirahamwe ry’abanyaburaya, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko,vyamye bifasha Uburundi mu bihe bigoye.

Slyvestre Ntibantunganya,akaba yizera ko abakuru b’igihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko bazogondoza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akareka kwitoreza ikiringo ca gatatu,mu nama itegekanijwe mu gisagara ca Dar-Es-Salaam,muri Tanzaniye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 rusama.

Mwomenya ko Slyvestre Ntibantunganya yatumiwe muri iyo nama izobera mu gisagara ca Dar-Es-Salaam.


Van Naris Mugisha

Messages

  • @aho hoho numva umwe wese avuga ibimujemwo,amatora azoba kuko uburundi ntibwobura indongoz bwitoreye,kimwe menya inguvu ,integenke wewipfuza kowotara canke wotwarwa hama usabe Imana ntacayinaniye@

  • Mana y’isi n’ijuru gira icomuvuze kugihugu c’uburundi kuko tugeze ahumwasi ashaka aho ivyankenerwa kumuntu aho yishira akizana biriko bihungabana.@

  • Abanya politike mwase atanumwe avuyemwo makuduhenda mutubwira ngomuharanira inyungu yabanyagihugu sivyo nagato muharanira inyungu zanyu twarabahinyuye

  • GABO,BA WIFATA NKUMUNTU YAREZW.DOMICIEN NAW,UGASHIKA DAR-ES-SALAM UBOHOZE UBURUNDI

  • EEEHE NTIBANTUNGANYA ARIBAGIYE KO BAMUHAYE IGIHUGU KIKAMUNANIRA NONE BARYA BAMWIRUKANYE KUBUTEGETSI AZOKORIKI KUGIRANGO NTIBAMUSUBIRE

  • Muribagiye ningoga ayo aba manifestants babakoreye umwaka mwari mwagiye i BUGENDANA. ohoooo

  • Prezida Ntibantunganye, abagukundabeshi barimuri CNDDFDD, kugirarero bakugumuzeko icizere basanzwe bagufitiye niwashika Arisha uzogerageze kuba Ntibantungaya azigutandukanya icatsi nururo ndavugako utegerezwa kuzorebakure mumvugozawe nkakera mugihe ca Ndadaye.

  • UMUNTU N UWOVUG UKURI YASHAKA BKAKUZIRA.

  • Ivyo vyose nuguta umwanya w’ubusa, ariko uwushaka kwirukana Nkurunziza agomba kuvugira ahabona. C’est la seule chose qui peut dedouaner le tas de candidatures hutu en lisse. Sinon twohava tuvuga ko ari ubukunzi bw’imda bubibatera canke nyene nostalgie de leur passe a la presidence, sinzi... Mbega Bagaza weho ngo ni gute, ko mbona tous ses homologues batanze candidatures zabo, we vyoba vyamugendekeye gute? Buyoya wewe turazi ko ari perezida w’imfata kibanza, bivuga qu’il peut nous apparaitre a tout moment...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.