Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: Abantu 20 baguye mu bitero i Mogadiscio
Somalia: Abantu 20 baguye mu bitero i Mogadiscio
vendredi 22 Nzero 2016
Abantu 20 nibo bapfuye,abandi 20 barakomereka mu gitero cabaye ku mahoteri abiri ari ku murwa mukuru wa Somaliya Mogadiscio.
Umushikiranganji w’umutekano muri Somaliya Abdirisak Omar Mohamed yabwiyeiradiyo y’abongereza BBC ko ivyo bitero vyabereye ku mahoteri Lido Sea Food na Beach View.
Umugwi w’abarwanyi biyitirira idini rya islam, al-Shabab, wamaze kwemeza ko ariwo wakoze ivyo bitero. Abo barwanyi kandi bagize ingwati abari baraye muri izo hoteli n’abakozi baho, mu kiringo c’amasaha ane.
Abategetsi ba Somaliya, bavuze ko abajejwe umutekano bashoboye kwigarurira izo hoteri, kandi ko umwe mu bateguye ico gitero yafashwe.
Umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Omar Abdirashid Ali Sharmarke, yiyamirije ivyo bitero, avuga ko biteye ari ibiterasoni.
IGIHE
Messages
22 Nzero 2016, 16:14, par Butoyi John
RUNGIKA MAPROMABU
22 Nzero 2016, 18:43, par EMANWEL
Nonega Wa Samanta Ntiyojana Babasirikare 5ooo Muri Somariya Kugira Bafashe Abanyagihugu Bagowe Aho Kubahatira Muburundi Haramahoro Atarukuzanwa Nokuvyonga
23 Nzero 2016, 09:07, par john kacube.
jewe un irantangaza.mbe ko bahatira kuzan abasirikare mubundi.hama ntibabatwere muri somaria?muburund niho babonye har ivyihevyi.mb ko batinya kubatwara muri somaria?nuko abanyagihugu bah atamaraso bafise?
23 Nzero 2016, 09:35, par Nibasumba J.Marie Bururi Burundi
twovuga none ko kwicana arivyo bituma haboneka amahoro kwisi?ingano ntaho izodushikana,ariko mana tabara somariya n,uburundi
23 Nzero 2016, 11:37, par Iribuka
Mbega data abo bapfa bapfa bamwe barutumwako bari hehe? ubona iyo batumbera muri babacangero nkurumbi yitwaza ngo yarungitse hanze