Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia : ONU yasavye ko uburenganzira bw’abamenyeshamakuru bwubahirizwa
Somalia : ONU yasavye ko uburenganzira bw’abamenyeshamakuru bwubahirizwa
lundi 5 Nyakanga 2016, par
Umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku gateka ka zina muntu wasohye icegeranyo cerekana ko kuva mu mwaka w’2014, abamenyeshamakuru 120 batawe muri yompi mu gihugu ca Somalia ataco bagirizwa, ibigo bitari bike navyo vy’itangazamakuru birugarwa.
Ico cegeranyo c’umurwi wa ONU kuri Somalia, kirasaba kandi ko uburenganzira bwo kumenyesha amakuru bwubahirizwa, imbere y’uko haba amatora y’abashingamateka ategekanijwe mu mpera z’uku kwezi kwa Nyakanga.
Umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku gateka ka zina muntu uvuga kandi muri ico cegeranyo, ko abashingamateka bagera kuri 18 bishwe kuva mu mwaka w’2012, hamwe n’abandi banyepritike bishwe nabo nyene.
IGIHE