Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie : Abantu 12 nibo bapfiriye mu gitero c’abashababu
Somalie : Abantu 12 nibo bapfiriye mu gitero c’abashababu
samedi 22 Ruhuhuma 2014
Abantu 12 nibo bitavye Imana ku munsi wa gatanu mu gitero c’abashababu aho batera ikirimba c’umukuru w’igihugu ca Somaliya kiri i Mogadiscio.
Amakuru atangwa n’umushikiranganji ajejwe umutekano w’igihugu ca Somaliya, Abdelkarim Hussein Guled amenyesha ko inkozi z’ikibi 9 harimwo abakamikaze 2 bishwe mu gihe bariko bagerageza kwinjira gutera ikirimba c’umukuru w’igihugu. Ku ruhande rwa Reta, baharura abantu 3 bapfuye, abo nabo akaba ari intwazangabo 2 hamwe n’umusirikare umwe.
Imodoka imwe akaba yatezwe umutego ica ituritswa n’igisasu imbere y’aho nyene imbere y’ikirimba c’umukuru w’igihugu, imbere y’uko abashabu bashaka kwinjira ku kirimba. Kubw’uwo mushikiranganji, igisirikare Ca Somaliya hamwe n’ingabo zo muri Afrika zagiye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu bagerageje uko bashobora kwose kugira babasubize inyuma.
Abakuru babiri bo muri ico gihugu ca Somaliya bahasigiye ubuzima muri ico gitero harimwo umunyabanga w’umushikiranganji wa mbere wo muri ico gihugu, Mohamed Hersi Abdulle, hamwe n’umwe mu bakuru bo mw’igendereza Nur Shirbow.
Umukuru w’igihugu ca Somaliya Huassan Sheikh Mohamoud yateye ivyatsi ico gitero, aho mbere avuga ko ari igikorwa c’iterabwoba. Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Somaliya, Nicholas Kay nawe nyene ubwiwe yateye ivyatsi ico gitero. Iyo ntumwa idasanzwe ikamenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amakungu bazobandanya bafasha igihugu ca Somaliya gushika kironse agahengwe, umutekano n’amahoro.
Floxella Karire
Messages
22 Ruhuhuma 2014, 15:04, par Gicocoro
Haaaaaaaa!nagirango ivya Somaliya vyaraheze kumbe inkozi zikibi zari zibitse?nukuzirwanya gushika zisize ibirwanisho hasi.Ndahojeje abanye somaliya bose babuze.
22 Ruhuhuma 2014, 16:58, par Aline
kuriyi nkuru nyene nagira ndababarire mumvirize ubu beshi bwa Cap Ciza Anatole kukiganiro yagiranye na BBC ejo kumunsi wagatanu le-21-02-2014 avuga ko atamuntu numwe yahasize ubuzima ngo kiratse abashababu 9 gusa ngo kurundi ruhande ngo ntanumwe yitavye Imana mwumvirize ikinyoma cuwo mutegetsi atwara ingabo mumahanga? mbega iyo umuntu ariko arabesha kuma radio ariyumvira ko ivyo ariko arabesha vyumvikana kwisi yose nimwibaze nkuwo hamwe umusanze mubutungane Iburundi ibona yokorera iki umwuga wiwe? hahahaha nakamuna !!!!
24 Ruhuhuma 2014, 00:13, par kamwenubusa
nibarungikeyo imbonerakure kuko abasirikare vyabananiye
24 Ruhuhuma 2014, 14:52, par mugunga
Bisaba kwihangana turi mu misi bibiliya ivuga ko ari iyiherezo.
28 Ruheshi 2015, 09:32, par Gasongo
Ese hoho abasirikare abasirikare barabaha amajumere akaze yo kuraba aho umwasi ageze? Kugira baba teshe batarabubira?
10 Mukakaro 2017, 20:28, par ngendakumana rishar
TABARA KUKO UMUTEKANO NUWAMBERE NTIMWAMENYE ABOBASIRIKARE BAPFUYE
10 Mukakaro 2017, 20:36, par NDAYIZEYE EMANWERI
jeniyumvira ko mubasirikare barete ubwo mwenewacu ntiyapfuye yitwa piyeri