Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie : Abarwanyi 34 ba Al shabaab n’umuyobozi wabo bishwe
Somalie : Abarwanyi 34 ba Al shabaab n’umuyobozi wabo bishwe
lundi 21 Ntwarante 2016, par
Abasirikare ba Kenya bari kugarukana amahoro muri AMISOM mu gihugu ca Somaliya bishe abarwanyi 34 ba Al-Shabaab, bongera bata muri yompi imwe mu ntwazangabo zo muri uwo murwi w’abarwanyi.
Abo basirikare bafashe kandi inkoho zigera kuri 27 zo mu bwoko bwa Kalashnikov (AK47), aho hose akaba ari mu bitero bibiri vyabaye mu mpera z’iyindwi twaraye dusozereye.
Col David Obonyo, umuvugizi w’igisirikare ca Kenya yamenyesheje ko ku ruhande rwabo nabo bahatakarije abasirikare babiri.
- Abasirikare ba Kenya muri AMISOM
Mu bitero vyo kuwa gatandatu, hishwe abarwanyi ba Al shabaab 21, hafatwa inkoho 21 zo mu bwoko bwa Kalashnikov (AK 47), hamwe n’ibisasu bitatu vya mu bwoko bwa rocket.
Kuri uwu w’Imana naho, abarwanyi 13 biciwe mu gace ka Sarira, ku birometero 30 mu majaruguru y’igisagara ca Ras Kamboni, hafatwa inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa kalashnikov nyene, n’ibindi birwanisho bitandukanye.
IGIHE
Messages
21 Ntwarante 2016, 22:41, par Nestor
Reka Babatuz Baragayana.
22 Ntwarante 2016, 10:57, par MUYAHUDI
Abokobans guheba ubutagondwa tuzobamw?
24 Ntwarante 2016, 09:16, par 69279671
nivyiza nibagume kumurego twipfuza amahoro kw isi yose
24 Ntwarante 2016, 09:18, par 69279671
nivyiza nibagume kumurego twipfuza amahoro kw isi yose
25 Ntwarante 2016, 17:45, par INTAGOHEKA
Rindira duheze kumesa na safisha hano iwacu muburundi duceturungikwa na somali tubacemwo.