Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie: UA yemeye ko abanyagihugu bishwe n’abasirikare bayo bari muri (...)
Somalie: UA yemeye ko abanyagihugu bishwe n’abasirikare bayo bari muri AMISOM
samedi 22 Myandagaro 2015
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryemeye ko abasirikare bayo bo mu rwego rwo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya AMISOM aribo bishe abanyagihugu indwi bari mu rubanza rw’ubukwe mu bumanuko bwa somaliya.
Ubwo bwicanyi bwabaye mu gihe imodoka za AMISOM zaterwa grenade n’abarwanyi ba El Shabaab mu gisagra ca Merka,hari mu kwezi guheze kwa Ruheshi,ariko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryagumye ribihakana.
Ishirahamwe ryitaho agateka ka zinamuntu Human Right Watch ryari ryamenyesheje ko abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda bakora mu rwego rwa AMISOM aribo bishe abo banyagihugu bari mu rubanza rw’ubukwe.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ribicishije ku muserukizi waryo akaba aserukira n’urwego AMISOM Maman Sidikou ryamenyesheje ko ryemera ko abo bantu bishwe n’abasirikare babo,rica risaba imbabazi kuri abo bapfuye.
IGIHE
Messages
22 Myandagaro 2015, 11:28, par Mathieu Bayishime
n akamaramaza
22 Myandagaro 2015, 14:52, par Ntakundi
Ku bakimaramara!