Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya: Abasirikare 14 bishwe mu gitero c’umurwi Al Shabbab
Somaliya: Abasirikare 14 bishwe mu gitero c’umurwi Al Shabbab
dimanche 23 Myandagaro 2015
Abasirikare icumi na bane b’igihugu ca Somaliya ,nibo bapfuye abandi mirongo ibiri barakomereka mu gitero cakozwe n’abarwanyi b’umurwi Al Shabbab kuwa gatandatu igenekerezo rya 22 Myandagaro 2015.
Ico gitero cabereye ahahora hubatswe kaminuza mu gisagara ca Kismayo ahasanzwe haba abasirikare bava mu gihugu ca Kenya bakora mu rwego rwagiye kugarukana amahoro muri Somaliya AMISOM.
Umutegetsi mu gisirikare ca Somaliya yavuze ko ari imodoka yari itezwemwo ibisasu yaturitse,mu kibanza kiberamwo imyimenyerezo ya gisirikare muri iyo kambi,abasoda 14 barapfa,abarenga 20 barakomereka.Yavuze kandi ko amatohoza yatanguye kugira bamenye uko iyo modoka yashoboye kwinjira muri iyo kambi irenganye abasirikare.
Mu murwi Al Shebbab bamaze kwemera ko aribo bakoze ico gitero babicishije mw’itangazo.Bamenyesha ko abantu ijana aribo bapfuye muri ico gitero.
Van Naris Mugisha
Messages
23 Myandagaro 2015, 11:04, par BITOHA
Ubwicanyi ntawe buzoha agaciro kiretse ukwiyeza no kwihangana. ejo nimwamara abansi muzoca mwicana namwe. naho uzosigara wenyene warishe uzoguma ubona imizimu yabo wishe
23 Myandagaro 2015, 13:17, par bazohera nkifuyimijira
mana tabara somal nuburundi
23 Myandagaro 2015, 14:39, par Yaya
Mumenyekubwicanyi Atawebwereye Nabo Bihemvibamenyekobazomfa