Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abasirikare batanu bo muri Djibouti bahitanywe n’igitero (...)
Somaliya : Abasirikare batanu bo muri Djibouti bahitanywe n’igitero c’intagondwa
mercredi 19 Ntwarante 2014
Abasirikare bagera kuri batanu nibo bahitanywe n’igitero c’intagondwa ziri mu muhari wa al shabaab, igihe izo ntagondwa zatera mw’ikambi y’i Bulo Barde mu gihugu ca Somaliya, nk’uko bimenyeshwa na General de Brigade Osman Nour Soubagleh umukuru w’ibiro vy’intwaramiheto mw’ishirahamwe AMISOM.
Nk’uko General de Brigade Osman Nour Soubagleh abivuga, igitero c’izo ntagondwa caramaze akanya katari gato, mbere abasirikare bagera kuri 5 bakaba baciye bahasiga ubuzima, mu gihe abandi indwi nabo bakomeretse, ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vyo mu gihugu ca Kenya hamwe na Afrika y’Epfo.
Bulo Burde igisagara gisanzwe kiri ku birometero 210 vya Mogadiscio, cari carigaruriwe n’intagondwa za al shabaab zisanzwe zicuditse na Al Qaida mu myaka itanu iheze. Inyuma y’ico gitero c’izo ntagondwa, umushikiranganji wa mbere wa Somaliya Abdoulkader Kamil Mohamed, umushikiranganji wo kwivuna abansi Hassan Darar Houffaneh bakaba barungikiye ubutumwa bwo guhoza imiryango yabuze, ndetse baratera n’ivyatsi ibikorwa vy’izo ntagondwa.
Aristide Nizigire