Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Ikivuko cari gitunze al shebab cafashwe
Somaliya : Ikivuko cari gitunze al shebab cafashwe
lundi 6 Gitugutu 2014
Abasirikare bahurikiye mu rwego rwa AMISOM bafatikanije n’abasirikare b’igihugu ca Somaliya bafashe ikivuko gikomeye cari mu minwe ya al shebab.
Ico kivuko cari gisanzwe gitunze abarwanyi bo muri uyo muhari wa al shebab kikaba cafashwe mu mirwano yahuje abasirikare ba AMISOM bari kumwe n’abasirikare ba Somaliya kuri uyu w’Imana mu gatondo. Abarwanyi ba al shebab rero bakaba bataye barahunga muri iyo mirwano. Ico kivuko ca Balawe rero kikaba catozwa n’izo ntagondwa, amafaranga avuyemwo agaca aba ariyo yafasha abo ba shebab mu kugura ibirwanisho, ndetse no mu kwiyunguruza iyo bashaka kuja gutera.
Ubu rero igisirikare cemwe n’igihugu nico kigenzura ico kivuko kiri ku birometero bigera ku 200 mu bumanuko bwa Somaliya. Kubona rero al shebab yatakaje ico kivuko, ni nko gucika umutwe k’uwo muhari, kuko cabinjiriza amafaranga agera ku miriyoni 19 z’amanyaburaya ku mwaka ku mwaka.