Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Ukwigina urupfu rwa Godane birabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Ukwigina urupfu rwa Godane birabandanya

Somaliya : Ukwigina urupfu rwa Godane birabandanya

dimanche 7 Nyakanga 2014

Umwe mu barwanyi b’umuhari w’intagondwa wa al shebab yishwe nk’uko bitangazwa n’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika. Iyo ntagondwa yo mu muhari al shebab yarasanzwe ariko araronderwa akaba yarazwi kw’izina rya Godane.

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika kikaba cari carasavye ko uwuzokwica iyo ntagondwa wese azohabwa amafaranga agera ku miriyoni indwi z’amadolare y’Amerika. Bimaze kumenyekana ko Godane yagandaguriwe mu gihugu ca Somaliya, Hassan Cheick Muhamud umukuru w’igihugu ca Somaliya, akaba atatevye kugaragaza umunezero wiwe mukuvuga ko iyo ntagondwa yari ikwiriye kwicwa, mu gihe iri mu bateza umutekaono muke ico gihugu, mu gihe yari no mubatanguje uwo muhari w’intagondwa.

Umukuru w’igihugu ca Somaliya akaba yasavye izo ntagondwa ko zokwishikana, zigaheba umugambi ugayitse wo kuza barica, basambura. Ivyo uwo mukuru w’ico gihugu akaba yabishikirije igihe yariko arigina intsinzi y’abasirikare b’abarundi bafatanije n’abigihugu ca Somaliya mu kugarukana igisagara avukamwo cari carigaruriwe n’izo ntagondwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe basoda bu Burundi murakaramba! mugeze Somalia impundu ziravuga basoda bi Burundi murakaramba! iyomuri Burundi impundu ziravuga basoda bi Burundi murakaramba! kw’Isi yose barabahaya basoda bi Burundi murakaramba. Murirusangi Afrika irashoboye ego turashoboye.

  • Amen. Merci Seigneur Jésus. Bénis nos soldats burundais. Bénis les somaliens, les burundais et la terre entière.

  • Ni vyiza , mugabo abo batanguye kudutukisha bafata abakobwa kunguvu ni bamenekane hakiri kare , bahanwe kandi bimenyekane ko igisoda c’ uBurundi kitihanganira iryo korabara , eka na indiscipline en general ...

  • Ni vyiza , mugabo abo batanguye kudutukisha bafata abakobwa kunguvu ni bamenekane hakiri kare , bahanwe kandi bimenyekane ko igisoda c’ uBurundi kitihanganira iryo korabara , eka na indiscipline en general ...

  • tuzi cotuganira nicotugwanya twabonye ntidufise IMANA ikomeye ntidutinya umwansi turingabo zarurema:sintinya umwansi kuruta umugenzi kukondazi iconokora imbere yumwansi muga umugenzi azingene nryama ningene vyuka uwondamtinya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.