Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sonia Rolland ariko akora ireresi yerekana ubuzima bw’abahuza ibitsina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sonia Rolland ariko akora ireresi yerekana ubuzima bw’abahuza ibitsina (...)

Sonia Rolland ariko akora ireresi yerekana ubuzima bw’abahuza ibitsina babisangiye

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Uwitonze Sonia Rolland, umunyamideri akaba n’umukinyi w’amareresi yigeze no gutorwa akaba uwa mbere muri ya mahiganwa yo gutora umwigeme wa mbere mwiza mu Bufaransa mu mwaka w’2000, ariko arakora ireresi yerekana ingene abahuza ibitsina babisangiye babayeho n’ingene bahariwe ivomo n’imiryango yabo.

Nk’uko ikinyamakuru Le Figaro cabitangaje, Sonia Rolland yagiye guhura n’abasanzwe bahuza ibitsina babisangiye baciriwe umukenke n’imiryango yabo bahurikiye hamwe mw’ ihuriro bise "Le Refuge". Yagiranye nabo ikiganiro ndetse bamuha inkuru y’amageragezwa baciyemwo inyuma yo guciribwa umukenke.

Benshi muri abo bahuza ibitsina babisangiye bari hagati y’imyaka 18 na 25 y’amavuka. Iyi reresi kandi yerekana uburyo abo basore n’inkumi bagiye birukanwa mu miryango, imibereho mibi babayemwo n’ibindi.

Muri iyo reresi Sonia Rolland yise "Homosexualité, du rejet au refuge", azokwerekana uburyo bamwe muri abo bahuza ibitsina babisangiye bagiye bahura n’abandi bavyeyi n’abasanzwe bakorera amashirahamwe bakabafasha gukomeza kubaho.
Iyo reresi Sonia Rolland ariko arategura ikaba izotangura kwerekanwa mu minsi ya vuba muri uno mwaka w’2015 nyene.

Sonia Rolland ariko akora ireresi ku vyerekeye ikumirwa rikorerwa abo bahuza ibitsina babisangiye, inyuma yaho akoze iyindi yerekana ishusho nyayo y’igihugu c’Urwanda kuva mu gihe c’ihonyabwoko gushika mu bihe abanyarwanda batanguye kwiyubakamwo icizere c’ejo hazoza bise "Rwanda : Du chaos au Miracle"

Tubibutse ko uwo mwigeme w’imyaka 34 yavukiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, se ni umufaransa, nyina nawe ni umunyarwandakazi, akaba yarabaye mu Burundi mu myaka y’1989. Mu gihe c’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu 1994, we n’abavyeyi biwe na musazawe Michael bakaba baciye bahungira mu gihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 304.5 ko
Amafoto ya Sonia Rolland ari mu Burundi

Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.