Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Soudan: Abafungiwe politique barekuwe
Soudan: Abafungiwe politique barekuwe
lundi 1er Ndamukiza 2013
Umukuru w’igihugu ca sudani, Omar el-Bachir yamenyesheje kuri uyu wa mbere ko abafungiwe imvo za politike bose barekuwe mu gihugu cose mu ntumbero yo guhagarika kutumvikana na sudani y’ubumanuko, inyuma y’amasezerano bagiraniye.
Arongera akamenyesha ko azobandanya aganira n’abanyepolitike bose n’ab’imibano ata n’umwe akumiriwe harimwo n’abarwanyi mu kurondera gushika ku mwunvikano uzozana inyishu ku bibazo vyose biri mu gihugu.
Ivyo bikurikirana n’ubutumire icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Ali Othmane Taha yari yahaye abarwanya Leta bose hamwe n’abakirwana bwo gutegurira hamwe ibwirizwa nshingiro. Imigambwe itari mike n’abakirwana bakaba baravyiyamirije.
Paterne Nsengiyumva