Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Soudani : Abasirikare b’Afrika y’Epfo bahatswe kuzira Omar Al (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Soudani : Abasirikare b’Afrika y’Epfo bahatswe kuzira Omar Al (...)

Soudani : Abasirikare b’Afrika y’Epfo bahatswe kuzira Omar Al Bashir

mercredi 17 Ruheshi 2015

Abasirikare ba Afrika y’Epfo bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Sudani, bavuga ko bari bakikujwe n’abasirikare b’ico gihugu, inyuma y’aho Omar Al Bashir, aburijwe gusohoka Afrika y’Epfo.

Abasirikare bagera ku 1400 bo muri Afrika y’Epfo, bavuga ko ko bakikujwe n’abasirikare isinzi, ibirindiro bariko vyose bizungurukwa n’abasirikare bafise inkoho zikomeye. Abasirikare ba Omar Al Bashir bavuga ko umukuru w’igihugu cabo atarekuwe, nabo baca baboha abo basirikare. Ariko rero Omar Al Bashir amaze kurekurwa, agashika ku kibuga c’indege c’i Khartoum, abo basirikare ba Soudani bakaba baciye basubira mu makambi, n’ibirwanish vyabo. Omar Al Bashir akaba yari yabujijwe gusohoka Afrika y’Epfo, inyuma y’aho sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, isavye ko yoca ashikanwa muri iyo sentare, akabazwa ivyaha yagirizwa birimwo ivyo mu ntambara.

Kugeza ubu ubutungane bw’aho muri Afrika y’Epfo, bukaba butegekanya kubaza Reta, icatumye Omar Al Bashir arekurwa agasohoka imbibe, kandi ubutungane bwashaka aje kubazwa ku mabi yose yagirizwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.