Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Soudani : Abasirikare b’Afrika y’Epfo bahatswe kuzira Omar Al (...)
Soudani : Abasirikare b’Afrika y’Epfo bahatswe kuzira Omar Al Bashir
mercredi 17 Ruheshi 2015
Abasirikare ba Afrika y’Epfo bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Sudani, bavuga ko bari bakikujwe n’abasirikare b’ico gihugu, inyuma y’aho Omar Al Bashir, aburijwe gusohoka Afrika y’Epfo.
Abasirikare bagera ku 1400 bo muri Afrika y’Epfo, bavuga ko ko bakikujwe n’abasirikare isinzi, ibirindiro bariko vyose bizungurukwa n’abasirikare bafise inkoho zikomeye. Abasirikare ba Omar Al Bashir bavuga ko umukuru w’igihugu cabo atarekuwe, nabo baca baboha abo basirikare. Ariko rero Omar Al Bashir amaze kurekurwa, agashika ku kibuga c’indege c’i Khartoum, abo basirikare ba Soudani bakaba baciye basubira mu makambi, n’ibirwanish vyabo. Omar Al Bashir akaba yari yabujijwe gusohoka Afrika y’Epfo, inyuma y’aho sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, isavye ko yoca ashikanwa muri iyo sentare, akabazwa ivyaha yagirizwa birimwo ivyo mu ntambara.
Kugeza ubu ubutungane bw’aho muri Afrika y’Epfo, bukaba butegekanya kubaza Reta, icatumye Omar Al Bashir arekurwa agasohoka imbibe, kandi ubutungane bwashaka aje kubazwa ku mabi yose yagirizwa.
Aristide Nizigire
Messages
17 Ruheshi 2015, 14:53, par Augustin
Bagiz Nabi Kumrkura Atabajijw.
17 Ruheshi 2015, 16:39, par nahahabandahuri peter
emwe leta ya africa yakoze nabi ariko guheba abantu biwe naho biragoye hakwaba nka nkurunziza abamarira mwibarabara
17 Ruheshi 2015, 16:46, par Mukizwa HARIMANA
Président wa Afrika y’epfo yagize neza. Abasoda 1.400 biwe bari muri Soudan bari kwicwa. Ahubwo arakunda abanyagihugu biwe. Iyo aba nkurumbi yamutanga abasoda biwe akabaheba kuko ntakunda abanyagihugu biwe.
17 Ruheshi 2015, 17:41, par masabo
Ko utagiye kumufata Augustin?? Wari kumufata wewe kugira ntarekurwe
17 Ruheshi 2015, 21:43, par 79210585
None Konzi Abasirikare Bajakugaruramahoro Bama Barikanuye Bafise Nibirwanisho Karuhariwe Bashigikiwe Ningabo Zomubihugu Vyarutura Zikorera Mumazi.Bariguhava Babashobora?Bagombabatikize Abenegihugu Ba El Beshir.Gusa Sud Afrique Nayoyakozamakosa.
17 Ruheshi 2015, 21:44, par Hitimana Sixte
None Konzi Abasirikare Bajakugaruramahoro Bama Barikanuye Bafise Nibirwanisho Karuhariwe Bashigikiwe Ningabo Zomubihugu Vyarutura Zikorera Mumazi.Bariguhava Babashobora?Bagombabatikize Abenegihugu Ba El Beshir.Gusa Sud Afrique Nayoyakozamakosa.
18 Ruheshi 2015, 06:47, par AUGUSTIN
MBEMASABO TUVUZE IVYOMUGIHUGUCUBURUNDI UCUVUGIVYOMURI AFRIKA YEPFO.
18 Ruheshi 2015, 06:48, par AUGUSTIN
MBEMASABO TUVUZE IVYOMUGIHUGUCUBURUNDI UCUVUGIVYOMURI AFRIKA YEPFO.
21 Ruheshi 2015, 16:52, par sawa sawa
Iyo sentare yoyo yarananiwe kumufatira mugihugu ciwe?kwanza ninde muzungu iracira urubanza?nukuvuga ko badakora amabi?nimba bamugomba nibamusange mugihugu ciwe bareke guteranya igihugu nikindi.ikindi naco abanya africa turakwiye gucubwenge nayahandi abazungu baracaturya batwicayeko mwibuke uko bagize kadafi ubu abanyagihugu basigaye bicuza nabandi ba president bo muri africa bagiye bicwa nabazungu
26 Ruheshi 2015, 16:46, par vocha
nivyiza ko abagirizwa ivyaha ni babibazwe nuburundi bakwiye gugira nkuko na nkurunziza akwiye kuja irahe