Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Soudani y’Epfo : Abantu barenga 200 bitavye Imana batwawe n’uruzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Soudani y’Epfo : Abantu barenga 200 bitavye Imana batwawe n’uruzi (...)

Soudani y’Epfo : Abantu barenga 200 bitavye Imana batwawe n’uruzi Nil

mardi 14 Nzero 2014

Mu gihe bariko barahunga baciye mu ruzi intambara zariko ziraba mu gihugu ca Soudani, abantu insinzi nibo batwawe n’uruzi Nil, abarenga amajana abiri baca baritaba Imana.

Nk’uko amakuru yavuye mu gisirikare co muri Soudani y’amaja Epfo yabimenyesheje, kuri uyu wa mbere wa 14 Nzero 2014, abanyagihugu baharurwa hagati y’amajana abiri n’amajana atatu, nibo batwawe n’uruzi Nil mu gihe bariko baragerageza guhunga intambara zariko ziraba mu gihugu.

Philip Aguer, umuvugizi w’igisirikare ca Soudani y’amaja Epfo akavuga ko intanduro y’iryo nsanganya, ari uko ubwato bwari butwaye abo bantu bwari buremerewe cane kuko harimwo n’ibintu vyabo bari bahunganye.

Amatohoza yakozwe kuri iryo nsanganya rivurwa ko ryabaye mu gitondo co kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 14 Nzero 2014, akamenyesha ko mubitavye Imana, abenshi muri bo ari abakenyezi n’abana. Aho ni mugihe ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ca Soudani y’Epfo bivuga ko iryo nsanganya ryoba ryabaye mu gicugu co k’umunsi w’Imana ushira umunsi wa mbere waraye urangiye.

Toby Lanzer, umukuru ajejwe gutunganya ibikorwa vy’ishirahamwe ONU muri ico gihugu yavuze ko i Malakal, abaroberi basubiye gutera mu kwigarurira ico gisagara. Akavuga kandi ko igitigiri c’abanyagihugu bo muri ico gihugu bahunga kiguma kiduga.
N’ubwo bivugwa ko abo baroberi boba bigaruriye agahande kagera ku birometero 50 k’ikivuko ca Mongala uja mu Buraruko bw’igisagara ca Soudani y’amaja Epfo. umuvugizi w’igisirikare Philip Aguer we arabihaka, akavuga ko igisirikare c’igihugu gicungereye umutekano waho hantu.

Mwomenya ko izo ntambara zimaze iminsi itari mike ziriko ziraba, kuva mu kwezi kwa Kigarama, abasirikare ba Soudani bakaba bariko bagira ibishoboka vyose kugira bagarukane umutekano.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.